Umugambwe Sahwanya-Frodebu uhamagarira abategetsi b’Uburundi n’Urwanda kuganira bagatorera umuti ingorane bafitaniye amazi atararenga inkombe.
Aha muri Frodebu bakabona ko Inagurwa ry’imigenderanire hagati y’ibi bihugu kuntwaro ya Evariste Ndayishimiye kwabaye ugusigana inkore kumaso.
Uyo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gitega umenyesha ko irungikwa mumpisho ry’abasirikare b’abarundi muri RDC kurwanya umuhari M23 hamwe n’igitero giheruka kubera Mugatumba arivyo vyabaye imbarutso y’imishamirano yasubiriye kwaduka hagati y’Uburundi n’Urwanda.
Hakaba ari inyuma yaho prezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye yagirije Urwanda ko arirwo rucumbikiye abarwanya ubutegetsi bwiwe, baba abari murwanda, canke abari muri RDC gufashanya n’umuhari Red-Tabara urwanya reta ya CNDD-FDD. Uwo nawo ngo ukaba ufadikanije na M23 irwanya reta ya Kinshasa.
Ni mugihe Evariste Ndayishimiye we yifadikanije na Tshisekedi wa Congo mukurwanya M23 ndetse hakaba hari n’abasirikare benshi b’uburundi bamaze kuhasiga ubuzima, abandi bagafatwa mpiri, nubwo Prezida Ndayishimiye aherutse kubihakana.
Aha nimugihe kandi Tshisekedi nawe afata iyambere mukurwanya ubutegetsi bwa Kigali, na cane umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul KAGAME.
Mw’itangazo rero Umugambwe Sahwanya-Frodebu wasoye kuri uyu wa kane rigaterwako umukono na Patrick NKURUNZIZA awurongoye, usaba reta y’ Uburundi na reta y’Urwanda gutorera umuti ingorane bafitaniye biciye mumahoro n’umutekano, kunyungu z’abanyagihugu b’ivyo bihugu bibiri vyompi.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com