Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi muri kino gihe abarizwa mw’ibohero ririmwo abagirizwa guhirika ubutegetsi
Hafi igihe c’isaha icenda n’igice ni ho uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yashika mw’ibohero rikuru rya Gitega avanywe mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Nkuko ababibonye babivuga, yajanywe mw’ikamyonete y’igipolisi yuzuye abapolisi bafise ibigwanisho vyishi, iherekejwe n’iyindi kamyonete iyicungereye, nayo nyene yuzuye abapolisi bafise ibirwanisho bikomakomeye.
Amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Gitega avugako
imbere y’uko ashikanwa mw’ibohero ryo ku mugwa mukuru wa politike, inzu yashikiyemwo yari yagenduwe cane ubwa nyuma n’abategetsi bakuru bakuru mu gipolisi no mw’iperereza bari bahishikiye.
Ikindi n’uko uwahoze arongoye ikambi ijejwe kugwanya imigimuko, colonel Désiré Uwamahoro yarasanzwe afungiwe muriryo bohero, ategerezwa na we nyene gushirwa muri ico kibanza c’ibohero cashizwemwo uwahoze amutwara.
Bivurwako uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere ashobora gupfungwa imyaka 30 ufatiye kuvyaha yagirizwa.
Ibohero rikuru rya Gitega Generali BUNYONI yarungitswemwo kuri uyu wa kabiri, risanzwe rifungiwemwo abagerageje gutembagaza ubutegetsi n’abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, biyamirije ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza muri 2015.