Mu ntara zitandukanye z’igihugu c’u Burundi, habandanya kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere, ahanini bukaba bukorwa n’imbonerakure bafatanije n’inzego zimwe zimwe z’umutekano, ntihagire n’amatohoza akorwa ku vyabaye.
Akarorero ka hafi nako muri komine Buganda intara ya Cibitoke, aho hatowe ikiziga c’umuntu yishwe bunyamaswa, atoragurwa mu murima w’imyumbati.
Uwo muhisi bamutoye ku munsi wagatandatu iginerekerezo rya 30/03/2024 igihe cisaha ya 16h kumusozi wa kaburantwa, kwibarabara ryindwi muri komine Buganda.
Uwo nyakwigendera akaba yotowe n’abarovyi impande yuruzi Rusizi, bihana urubibe n’igihugu c’u Burundi na RDC, akaba yotowe aboshe amaguru n’amaboko, afise ibikomere vyinshi kumubiri.
Icatangaje abanyagihugu nuko musitanteri wiyo komine Buganda hakizimana Pamphile, yaciye atanga itegeko ryo kumushingura vyihuta, atanamatohoza akozwe, kugira bamenye uwishwe bunyamaswa uwariwe, n’icatumye agandagurwa, n’abamwishe bamenyekane.
Abanyagihugu bagasaba ko iyo ngendo y’indongozi nkizo yohinduka, kuko burigihe iyo hatowe umuntu yishwe, hama haca hatangwa itegeko ryo kumuhamba vyihutirwa atanamatohoza akozwe,
Abenshi ahubwo basigaye bibaza ko izo ndongozi ziba zizi ubwo bw’icanyi ndengakamere bwirirwa buba.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com