Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati iterambere rusangi n’umutekano, buhejeje gusohora urwandiko rumenyesha abanyamahanga bose baba mu Burundi, harimwo n’impunzi zaba iziba mumuji canke mumakambi ko guhera igenekerezo rya 26/03/2024 gushika 28/03/2024 hazoba rusasuma kumuntu w’umunyahanga wese aba mu Burundi.
Ico gikorwa kizohora gitangura igihe ca 7h30mn z’agatondo gushika 15h30mn z’umugoroba.
Ico gikorwa kikazobera kumirwa mikuru ya ma zone mugisagara ca Bujumbura hamwe no kumirwa mikuru yintara, nayo impunzi ziba mumakambi, ivyo bikorwa bikazobera mumakambi babamwo.
Umunyamahanga wese ari mu Burundi eka n’impunzi zihamagariwe kwitabira ico gikorwa,kuko uwutazovyitabira azoca afatwa nkuwutakiba kubutaka bw’gihugu c’u Burundi.
Urwo rusasuma rukaba ruteye ubwoba bwinshi abanyamahanga baba mu Burundi, kuko ngo hashobora kuba hari icinyegeje inyuma yavyo kuko ubundi ngo basanzwe bafise impapuro zibemerera kuba mu Burundi, bahawe na leta y’u Burundi.
Impunzi nazo ngo zisanzwe zisasumwa na HCR ifatanije na leta y’uburundi, ariko ubu igitangaje n’uko leta igiye gukora rusasuma yonyene.
Izo mpunzi nazo zikaba zitekewe n’ubwoba bwinshi kubigiye kuzokurikira inyuma yurwo rusasuma rwateguwe na Martin Niteretse
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com