Germain Tangishaka atwara iperereza mu ntara ya Bubanza ntashaka kuvuga aho apfungiye Pasitori Samuel Mukeshimana arongoye ishengero Elayoni.
Pasitori Samuel Mukeshimana yafashwe n’umukuru w’iperereza mu ntara ya Bubanza, Germain Tangishaka. Ariko kugeza ubu ntavuga aho amupfungiye.
Abo mumuryango wa Samuel Mukeshimana bamuhamagaye bamubaza iyo apfungiye uwabo, Germain Tangishaka yabishuye ko iyo umuntu afashwe aca aja gusambishwa, basanze yera ararekurwa, basanze yagira icaha bakamujana muri parquet.
Imvugo yiwe ariko ntitomora ko ariwe yafashe Pasitori Samuel Mukeshimana, ntitomorakandi n’iyo yagiye kumupfungira mu gihe abo mumuryango wiwe bamubuze mu busho bwose bw’i Bubanza.
Samuel Mukeshimana ni umupasitori aturuka mu Rwanda, asanzwe yegereye cane umuryango wa Général Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere. Ishengero rya Elayoni rikaba mbere ryafatwa nk’isengero rya Bunyoni.
Kugeza ubu ariko ntawuramenya ko hoba hariho isano hagati y’ifatwa rya Pasitori Samuel Mukeshimana n’ipfungwa rya Général Alain-Guillaumme Bunyoni.
Pasitori Samuel Mukeshimana arongoye ishengero rya Elayoni muri komine Gihanga intara ya Bubanza, yarafashwe kumusi wa gatanu itariki 08/9/2023) n’abantu batari bamenyekanye. Bakaba bamukuye aho afyaturira amatafari muri Village ya gatanu ku Mpanda.
Amakuru dukura muntara ya Bubanza akavuga ko , Germain Tangishaka arongoye iperereza afadikanije n’imbonerakure hamwe n’aba FDLR, aribo bayoboye kandi bica bagakiza muntara ya Bubanza kuva muri 2015.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com