Hamaze iminsi hibonekeza ikena, n’iduga rikabije ry’ibinyobwa vya Brarudi mu bice butandukanye vyigihugu c’ u Burundi.
Abanyagihugu bavuga ko ubu kuronka ibinyobwa ari nko kurondera umuzi wibuye. Bati haba mubunywero butobuto canke bunini, kuma dépôt ya Brarudi, bitakiboneka .
Ngo aho bashobora kubironka biba bizimvye kurugero rudasanzwe kandi ababifise babitanga mwibanga ntangere kuko ahanini biba bifiswe nabari mu mugambwe Cnddfdd.
Iryo kena ryivyo binyobwa vya Brarudi ridasanzwe ahanini ngo biva no kwikena ry’ifaranga mvamakungu mu gihugu, nkuko uwujejwe ubudandaji muriryo Shirahamwe abivuga bigatuma babura amafaranga yo kurangura hanze y’igihugu c’Uburundi ibiba bikenewe kugira bakore ivyo binyobwa.
Ikindi ngo nuko n’ibinyobwa Brarudi iba yakoze, nka vyose baca babitwara muri RDC kugira baronke amadolari.
Ivyo navyo ngo leta ikaba yavyumvikanye ko niryo Shirahamwe Brarudi ngo baze bazishorera muri RDC muntumbero yo gukemura ikibazo cifaranga mvamakungu.
Ubu Abanyagihugu bakaba birirwa bayerera kuma dépôt ya Brarudi, mububari barondera ivyo binyobwa ariko rikarinda rirenga bimyiza ibanfu, bazibuze hose..
Bivugwa ko icupa rimwe rya Amstel rishitse muri RDC barigurisha amadolari atatu, kuvuga hafi 16000fb, nayo mu Burundi rigurwa 3000fb.
Abarundi bakabona ko leta be nishirahamwe Brarudi babahevye kunyungu zo gukunda inyungu zabo gusa.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com