Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mugatondo wejo wakane igenekerezo rya 09/5/2024, mu murima wibitoke kumusozi cunyu komine Buganda intara ya Cibitoke.
Ico kiziga kikaba catowe nabarimyi,aho cahambwe muruwo murima wibitoke, bagiye mukazi kabo ka minsi yose.
Umuryango wiwe ukaba wemeza ko uwabo yatanguye kuburirwa irengero itarike ya 04/05/2024 , bagerageza kumurondera hose baramubura,banabimenyesha abajejwe intwaro na polisi, ariko babahaye inyishu yagashinyaguro kenshi abo bayobozi “”bababwira ngo uwabo yagiye gutembera canke kwifatanya numuhari M23..
Uwo musore akaba yari imbonerakure ,, ariko akaba azize ko yahora yama ahanura bagenziwe,kureka kugirira nabo abo babana, ababuze ingeso zo kwiba no kwica eka akanabawira cane cane ko boreka kwemera kurungikwa muri RDC kuja kugwanya M23,,kuko bamaze kuhaburira benewabo benshi, bidasanzwe kandi nawe yanse kujayo…
Eka yabaha nakandi karorero ka hafi,aho hari imisore ine y’imbonerakure bavuka kumutumba umwe, iheruka gupfira muri RDC Rusizi, bari barungitswe nabakuru b’imbonerakure.
Imbonerakure itashimye ko amazina yiwe aja ahabona, amenyesha Rwanda tribune ko uwo musore w’imbonerakure yagandaguwe bunyamaswa nab bagenziwe ndentse n’indongozi zimwe zimwe zibizi, muntumbero yo kuzimanganya amakuru yaratanguye kuja ahabona kupfu zimbonerakure zibera muri RDC kumunsi kumunsi.
Nyakwigendera akaba yari imvukira yo kumutumba na zone Ngoma komine murwi intara ya Cibitoke,, akaba yari mugwego rwimbonerakure mu ntara ya Cibitoke
Désiré nkundwa
Rwandatribune.com