Umushikiranganji Marie Chantal NIJIMBERE, yashinze igiciro gishasha c’isukari, aho cavuye ku mafaranga 8.000fbu gishigwa ku mafaranga 6.000fbu.
Ivyo biruko mu gihe Umukuru w’ igihugu Evariste NDAYISHIMIYE, yari yamenyesheje ko iyo sukari yadugijwe kubera inda ndende y’abategetsi batwara SOSUMO, ishirahamwe rimwe rudende rihingura isukari mu Burundi hamwe n’uwo mushikiranganji mivyajejwe harimwo n’ihinguriro rihingura isukari Moso (SOSUMO)
Abanyagihugu baganiriye na RWANDA TRIBUNE, bagize bati, “turanezerejwe niyo ngingo bafashe yo kugabanura igiciro c’isukari ariko kandi turasavye bagabanure bimwe biboneka kuko kuyishira kubihumbi 6. 000fb kukilo kimwe gusa, si umunyagihugu uwariwe wese afise ubwo bushobozi bwo kuyigura, nisubire ku bihumbi 3. 500fbu yahorako, ahandi twarahevye isukari twinwera amazi gusa “.
Abanyagihugu bakanasaba ko Umushikiranganji hamwe n’abatwara SOSUMO, berekana ivyatumye isukari iduga kuko bigaragara ko atacigwa cakozwe, aho iyo sukari yadugijwe kugera ku bice birenga 150%.
Abakozi ba leta bagasaba ko boraba no ku mishahara yabo itigera iduzwa maze nayo ikaduzwa , bakagira bati: “baduza ibiciro ariko agashahara k’umunyagihugu ntikongegwa ivyo bintu birateye isoni”.
Bagasaba ko leta yoza iranisunga imishahara y’abakozi n’ubuzima abarundi babayemwo imbere yo kuduza ibiciro ivyarivyo vyose kuko benshi mu bategetsi babeshejweho n’amakori y’abanyagihugu batobato .
Rwandatribune. Com
Amos Twagiramungu