Kuva Uburundi bwugaye imipaka ibuhuza n’u RWANDA, abacuruzi bamwe bamwe, baridoga cane ko bari kuhagirira igihombo kidasanzwe.
Nko mu ntara ya Cibitoke,abacururiza ku mupaka wa RUHWA, utandukanya igihugu c’Uburundi n’URWANDA, abicururiza ivyamwa (imbuto mu kinyarwanda) baravuga ko abaguzi bagabanutse kurugero rudasanzwe.
Ivyo vyose bikaba bituruka kw’ifungwa ry’imipaka, rituma uruja n’uruza rwabinjira nabasohoka ryahagaze burundo.
Akorero inanasi zitanu (5) zahora zigurwa 5000fb ,ubu zisigaye zigurwa hagati ya 2000fb na 1500fb.
Imyembe cumi (10) yahora igurwa 7000fb ,ubu igurwa hagati ya 2500fb na 3000fb.
Icongera kigasonga abo bacuruzi,bakorera mugihombo, nuko nivyo baba bashoye kwisoko gucuruza, bugoroba batanabicuruje ngo babirangize; bigakomeza kubateza igihombo gikomeye.
Abo bacuruzi barasaba bashimitse président Evariste Ndayishimiye ko yokwisubirako agafungura imipaka, abacuruzi n’abanyagihugu bagasubira kuba mubuzima busanzwe.
Nkundwa Désiré
Rwandatribune.com