Gufunga imipaka ihuza uburundi n’u RWANDA bikomeje gutera igihombo gikomeye. Abari bafise amashirahamwe atwara ba mukerarugendo, ama hoteli, resitora, utubari nibindi, baravuga ko bari guhomba bidasanzwe, bigatuma ubuzima bwabo n’imiryango yabo iba mubuzima bubi.
Amashirahamwe akora za transport vyabaye ngombwa, ko ahagarika imirimo ya minsi yose.
Eka n’abafise amahoteri za restora, utubari cane cane bakorera ku mipaka, nabo bavuga ko bansa nkaho bugaye, kuko bamwe bahagaritse n’abakozi nkabose bakoresha kuko ntabakiriya bakibagana.
Ivyo navyo bikaba biri murukurikirane,vyo gushira ubuzima bwabo bakozi, na nyene imitungo, ndetse n’imiryango yabo mukaga kadasanzwe.
Kuva aho uburundi bufungiye imipaka igihuza n’URWANDA, bamwe baciye batangura mubihugu nka tanzaniya na RDC kugira bashike mu Rwanda,bigatwara uburyo bwinshi, numwanya munini.
Abahora baca muri RDC, n’abo bavuga ko babihagaritse kubera amabarabara mabi yaho (routes) be n’umutekano muke munzira zaho, kuko bama basahuwe ivyabo.
Ubu inzira yonyene isigaye uvuye i Burundi kugira ushike mu Rwanda,nuguca tanzaniya ; urugendo ruba rurere,bitwara amasaha cumi natanu n’igice (15h30mn) eka namafaranga yurugendo yagwije incuro zitatu (200.000fb)..
Batarafunga imipaka urugendo yari amasaha atandatu (6h) itike nayo ikaba (70.000fb).
N’abavyeyi bafise abana biga amashure mu Rwanda, vyabagizeko ingaruka zikomeye.
Kuko bahora baza kuramutsa abana babo vyoroshe rimwe mugice (une fois par trimestre), ariko ubu bikaba bitagikunda.
Abo Bavyeyi bari mugahinda, kuko batabona n’ingene bazotaha mubuhuruko mumiryango yabo.
Abakora ubucuruzi,eka n’ibindi bitandukanye, b’abarundi, barasaba bashimitse President Evariste Ndayishimiye ko yokwisubirako agafungura imipaka, kugira ubuzima bwa benshi ntibubandanye buja mukaga.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com