Umugambwe Cndd FDD uri ku butegetsi mu Burundi wateguye igikorane c’amasengesho gikubikubi ku mugwa mukuru wa politique i Gitega guhera le 25/01/2024 gushika 27/01/2024.
Inyuma y’ayo masengesho hari hategekanijwe inama rukokoma y’Umugambwe Cndd FDD le 28/1/2024, ikaba yari yateguwe mw’ibanga nk’uko amakuru Rwanda Tribune TV ikesha isoko ryayo riri i Gitega.
Icatangaje bamwe muba Cndd Fdd, nuko imbonerakure zaje murico gikorane zari nke cane, ugereranije n’abahora baza mubikorane bindi.
Bamwe muba Cndd FDD, vyaranabatangaje, kuko baheruka gukora igikorane c’amasengesho kirangiza umwaka wa 2023 muri décembre, kandi kinabatwara uburyo bwinshi bidasanzwe.
Biravugwa ko hari icuka kibi hagati ya President Evariste Ndayishimiye na Reverien Ndikuriyo, kubijanye n’uburongozi bw’umugambwe, be n’uwuzokwitoza kuba umukuru w’igihugu mu matora yimirije.
Abo bagabo, uko ari babiri, bakaba bariko baranyinyurana ku nyungu zabo bw’ite, kuko ataterambere ry’igihugu bigera bashira imbere.
Mukibuka ko bamaze n’igihe bavuga imvugo zitandukanye, zivuguruzanya ; aho Reverien Ndikuriyo yivugiye ko imipaka Uburundi ihana n’u RWANDA, itazongera kugarwa , azoguma agerageza kuganira na bagenzi biwe bo muri FPR, bakumvikana kubibazo bafitaniye.
Evariste ndayishimiye nawe akivugira ko yagerageje ibiganiro birananirana, hageze ko afata umwanzuro.
Budakeye kabiri umushikiranganji Martin Niteretse ari muntara ya Kayanza, atangaza ko imipaka Uburundi ihana n’URWANDA yose ifunzwe, bitako bija mungiro ako kanya.
Iryo bombora bombora mu mugambwe Cndd FDD, rikaba ryemezwa na bamwe mu bawugize, kandi bisigaye bigoye no kumenya intumbero y’Umugambwe.
Ikindi cari cinyegeje inyuma, canababaje benshi muribo, nitozwa ryamafaranga bagiriwe giturumbuka.
Buri wese bamuha enveloppe yiwe, ashiramwo amafaranga, kandi na batobato, bategekwa gushiramwo ayatari munsi ya 20.000fb.
Bikavugwa ko batoje amafaranga angana 402.000.000fb, kandi abo ba Cndd FDD batabona igituma batozwa amahera murubwo buryo.
Babona ko ari ubusuma bukabije, canke ihohoterwa bagirirwa nabakuru mumugambwe wabo.
Kubera kunyinyurana hagati ya President Evariste Ndayishimiye na Reverien Ndikuriyo ku burungonzi bw’umugambwe, vyateye impari, ninduru nyinshi muba Cndd FDD i Gitega le 28/01/2024, congrès y’Umugambwe birangira itabaye.
Gushika iyi saha tubashikiriza amakuru, abo bagabo uko ari babiri, inyinyurana rirabandanya hagati yabo, ubu umwe wese aguma ategura uturwi twiwe tuzomushigikira muba Cndd FDD, munyungu zabo bariko barondera..
Ikinababaza benshi muribo, nuko aho kurondera iterambere ry’igihugu numugambwe, bobo bariko baniganira inyungu zabo, bakibagira gutorera ibibazo vyugarije igihugu c’Uburundi nabanyagihugu bagishizemwo.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com