Abaroberi b’abanyarwanda ba FDLR na FLN bamaze igihe mw’ishamba rya kibira riri ku musozi wa gafumbegeti wa zone Butahana komine mabayi intara ya Cibitoke bamaze iminsi bafise imishamirano n’abasirikare b’u Burundi bakorera muri ako gace.
Ivyo ahanini bikaba vyaturutse kukuntu abasirikare b’abarundi bamaze iminsi bataka ko inzara ibamereye nabi bimwe bidasanzwe, ariko abo ba roberi ba FDLR na FLN bobo bakaguma bahabwa infungurwa z’ubwoko butandukanye, eka bigaragara ko bafashwe neza cane, nayo ingabo z’igihugu c’u Burundi zishwe n’inzara.
Aba ba FDLR na FLN, basanzwe banacukura amabuye yagaciro miriyo ntara, bakayicururiza hamwe nayandi bavanye mugihugu ca RDC, azanywe nabo ba roberi, ivyo vyose bakaba babikorana n’abategetsi bamwe bamwe mu ntwaro be no mugisirikare na polisi.
Igenekerezo rya 14/03/2024 niho abo basirikare bafashwe nagashavu, bahagarika imodoka izaniye infungurwa abo ba reberi ba FDLR na FLN, ikaba yaripakiye itoni zitandatu nigice (6.5 tones) z’ifu yibigori, ibiharage hamwe numuceri, nama litiro mirongo itandatu yamavuta (60 l d’huile).
Bikaba vyari bigizwe nitoni zitatu zifu yibigori (3 tones de farine de maïs) itoni zibiri zibiharage (2 tones de haricots)nitoni n’igice vyumuceri (1.5 tones de riz ), bikaba vyafashwe nabo basirikare bigeze kumutumba wa gafumbegeti zone Butahana bigire bishike mu kibira aho abo ba roberi ba FDLR na FLN bibera.
Abo basirikare bavuga ko hari umwumvikano uri hagati yabategetsi bo hejuru hamwe n’imbonerakure mu gukorana ubucuruzi nabo ba FDLR na FLN bamaze igihe mw’Ishamba rya kibira riri kumusozi wa gafumbegeti.
Abo ba FDLR na FLN baguma bakora uruja n’uruza hagati y’uburundi na RDC uko bishakiye atankomanzi eka bafise uburenganzira bwose.
Abasirikare bati ntitwumva ingene tuguma twicwa n’inzara kandi dukora ijoro numurango, abo ba roberi birirwa basahura amabuye yagaciro yo mu gihugu bagaburirwa neza.
Ivyo bafashe bikaba vyabitswe muri komine mabayi, ariko bavuga bati, umwanya n’umwanya bashobora kubibaha kuko komine isanzwe ikorana nabo ba FDLR na FLN mwibanga ntangere.
Abo ba roberi bikaba bivugwa ko i Burundi mu ntara zitandukanye, mu ntumbero yo kwitegurira intambara hagati yabo n’igihugu c’u Rwanda.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com