Muburundi habandanya kuvurwa icuka kibi hagati ya Prezida Evariste NDAYISHIMIYE na Révérien NDIKURIYO arongoye umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD.
ivya Perezida NDAYISHIYE na NDIKURIYO vyoba vyifashe gute?
Ivyo bikaba vyaraye bisubiriye kwibonekeza kuri uno wa gatandatu aho hasozerwa muntara ya MAKAMBA ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryitiriwe umuhisi Petero NKURUNZIZA ariryo”NKURUNZIZA CUP”ritunganywa n’ishirahamwe Fondation Pax BURUNDI rya Reverien NDIKURIYO arongoye umugambwe CNDD-FDD.
Aha abategetsi bo hejuru bakaba batitavye urwo rukino rwa nyuma rwa Nkurunziza Cup!
Umushitsi w’iteka muri ivyo birori yabaye Denise Nkurunziza, umupfakazi wa Prezida Nkurunziza.
Ni mugihe mumwaka uheze,urukino nk’urwo rwatewe iteka n’abategetsi bose bo hejuru mu gihugu harimwo na Prezida Ndayishimiye n’umukenyezi wiwe. Ikindi n’uko n’igihe iryo higanwa ryitiriwe Umuhisi NKURUNZIZA ritanguzwa, Prezida NDAYISHIMIYE nawe yariko atanguza igikorane co gushimira Imana kumyaka itatu amaze kubutegetsi.
Mbega none abo bagabo babiri boba bapfa iki?
Ikivurwa n’uko Révérien NDIKURIYO ariwe arongoye akarwi kabo mumugambwe CNDD-FDD biyita ko bari mw’iragi rya Petero NKURUNZIZA, mugihe hari n’akandi kagwi kabitwa ko barikumwe na Prezida Evariste NDAYISHIMIYE.
Abatari bake bakaba bibaza nimba Kwibuka Nkurunziza, vyoba bisigaye bitera isoni bamwe bamwe mu butegetsi, canke abategetsi basigaye batinya kwitaba ibikorwa bifatwa nko guhangana na Prezida Ndayishimiye? Ico bikoze benshi babonako Révérien Ndikuriyo avuga ko ahagaze mw’iragi rya Nkurunziza ashaka guhangana na Ndayishimiye we aherutse gutangaza ko atari munzira ya Nkurunziza.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com