Mugihe umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste ndayishimiye yirirwa avuga ko u Burundi ari igihugu gitunze, ndetse ngo kigiye kuza gifasha ibindi bihugu bikenye, eka ngo arongoye bafise akamwemwe kadasanzwe kuko ngo babayeho neza.
Abarundi arongoye bobo barumiwe nizo mvugo za président Evariste Ndayishimiye kuko ivyo avuga ari ububeshi budasanzwe ahubwo ari nko kubashinyagurira.
Abanyagihugu bobo barasemerera ko bugarijwe n’ubukene budasanzwe, eka inzara ivuza ubuhuha mu Burundi, kuko ibintu vyose vyaduze ibiciro kurugero rudasanzwe, aho ibintu vyose ibiciro usanga vyikuvye incuro kabiri kubisumwa ahubwo bimwe bimwe ntibinaboneke.
Akarorero nako umufuko w’amakara wahora ugurwa ibihumbi 70.000fb ubu ugurwa ibihumbi 140.000fb.
Ikiro cibirayi cahora kigurwa 1000fb ubu kigurwa 2000fb.
Ikiro cimyembe cahora kigurwa ibihumbi 4000fb ubu kigurwa ibihumbi 8000fb.
Ikiro ca mandarine cahora kigurwa ibihumbi 2500fb Ubu kigurwa ibihumbi 5000fb.
Abanyagihugu bakabona ko iryo duga ry’ibiciro kurugero rudasanzwe,ahanini rituruka kwibura rya buri gihe ry’igitoro hamwe n’uburungozi bubi bwa leta ya Evariste Ndayishimiye numugambwe Cndd FDD.
Abarundi basemerera bati imiryango myinshi ubu igize amahirwe ifungura rimwe kumunsi, nahonte utuntu tudafashe, bigatuma ubuzima bwabana babo busubira inyuma, bamwe bikabaviramwo guheba ishure.
Abanyagihugu bakaba bafise agahinda kadasanzwe,bumvirije amajambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana baguma baririmba buri munsi, ajanye nindya gusa, akarenzako ngo abarundi babayeho neza gusumba ababa muza burayi, Amerika n’ahandi, kandi inzara ivuza ubuhuha mu miryango nka yose mu gihugu.
Ikindi ubu no kwivuza bisigaye ari ikibazo gakomeye, ntana baganga bakihari ,nayo icibagiwe coco ni kuronka imiti yitwa spécialité.
Abarundi bavuga bati ahubwo ntaco tugifise tuvuga, kuko twarumiwe, ibintu vyose vyaduze ibiciro bimwe bitari bwigere bibaho narimwe mu Burundi, eka ubuzima bw’abarundi buri mukaga kadasanzwe mubisata vyose vy’ubuzima.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com