Mu Burundi,amahinguriro menshi leta ifisemwo imitahe asa nayagiye kugara nka yose.
Inyuma yuko Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi,risa nkirihagaritse imirimo nka yose, ndetse n’abakozi bamwe bagashirwa mukaruhuko kunguvu (congé forcé).
Ubu hashikiriwe Ihinguriro ry’icayi OTB (Office du thé du Burundi) aho naryo risa nirigiye kugara burundo, kumvo y’itunganywa nabi ry’imirimo ijejwee,havanzemwo ubusuma nubunyonyezi bwabayobozi.
Akarorero naka OTB rwegura iri mu ntara ya kayanza komine muruta,riherutse guhomba itoni zicayi zirenga mirongo umunani (80) bivuye kw’itunganywa ribi ryakazi..
Aha twotanga nkama machines ajejwe guhingura icayi nka yose yashaje,akaba atigeze asubirizwa gushika nubu,ivyo navyo bigatuma akazi gakorwa nabi, ndetse nicayi bahinguye kigaheza ntikigire akanovera.
Ikindi amamodoka yiryo hinguriro yakoresha,mukuja kwegeranya icayi mubanyagihugu,nazo nka zose zashaje,eka zama zipfira munzira zigiye kuzana icayi,,, icibagiwe coco nivyo bahora bakoresha mugushiramwo icayi,imifuko,yoyo itakiboneka,ubu basigaye bagisuka mumamodoka kugira gishike kuri OTB..
Abakozi bokorera ishirahamwe OTB, bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi ko naryo risa nirigiye kugara burundo canke abakozi bagashirwa mukaruhuko kunguvu (congé forcé)
Mwomenya ko nuturusho abo bakozi bahora bahabwa, twose leta yanatubakuyeko,ubu basigaye bahembwa udufaranga twintija ntikize…
Abo bakozi bati,atagikozwe vuba,iryo Shirahamwe OTB rirahomba atagisivya.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com