Mu gihugu c’Uburundi, hamaze igihe kinini harangwa ubukene bw’igitoro bimwe bidasanzwe, kuburyo ubuzima bw’abarundi bwabaye ndanse.
Ivyo ahanini bikaba bituruka kubuyobozi bubi bwa cnddfdd,ko abategetsi b’igihugu barangwa nubunyonyezi gusa,maze igihugu kikisanga mubukene bukabije,, kuburyo kitagishobora no kuronka amafaranga mvamakungu yo kuja kurangura igitoro (essence) hanze y’igihugu c’Uburundi be n’ibindi vya nkenegwa.
Akarorero nako mugisagara ca Bujumbura,aho kwiyunguruza, vyabaye akayobera bahinga, aho ubu kugira abakozi bashike kumirimo bajejwe ya minsi yose, basigaye bavyuka ijoro,bakagenda namaguru burigihe, bakongera bagataha namaguru.
Ivyo ngo ni kuko imodoka zahora zikora akazi ko kunguruza abantu, zabuze igitoro, eka ngo niyiramutse ibonetse usanga ari imodoka imwe gusa, nayo iba irindiriwe n’abantu amajana namajana, cane cane abageze muzabukuru canke abafise ubugwayi butandukanye badashobora kugenda namaguru.
Nkabageze muzabukuru bobo benshi, abafise ubumuga canke indwara zituma badashobora kugenda namaguru, bamaze igihe babuze ayo bacira nayo bamira, kubera batakironka ingene bashika kukazi, ahubwo bakibaza nimba abakoresha babo batazohava babahagarika no mukazi.
Abanyeshure bobo benshi ntibagitonda kumashure, kuko hari abagenda kwishure muburyo bwa rusangi muma bus canke bagatwarwa nabavyeyi babo,nabo babuze igitoro.
Nabaramutse batonze kwishure, basigaye bashikayo bacerewe cane, kuko basigaye bagira urugendo rurerure namaguru atavyo benshi bari bamenyereye.
Abiyunguruza baja muntara bobo ntanico bakivuga,kuko ata modoka zikirangwa kubituro vyahahora, eka nimodoka iramutse ibonetse baba badugije ibiciro bimwe bikabije.
Akarorero nko kuva Bujumbura uja i Gitega bahora bariha amafaranga ibihumbi cumi (10.000fb) ariko ubu imodoka ibonetse bariha amafaranga ari hagati yibihumbi 30.000fb na 40.000fb
Mwomenya ko ubu nimodoka zitari zemerewe gutwara abantu mu buryo bwa rusangi,iyo nazo ziramutse zironse aka essence, zisigaye zibapakira,zikabatwara iyo baja.
Ivyo vyose bikaba bisigaye biba polisi irorera be n’indongozi zimwe zimwe kuko nabo bumiwe batakibona ico bakora nico bareka, kuko ikena rikabije ry’igitoro mu Burundi, riteye ubwoba n’agahinda eka ibintu vyose vyayangaye mu gihugu, narirya numushikiranganji wambere Ndirakobuca Gervais batazira ndakugarika, aheruka kwivugira ko ivyigitoro bimaze imyaka ibiri ariko bimeze kandi atamuti wimirije kuboneka vuba.
Abarundi barasaba ko hoboneka indongozi zikunda igihugu c’Uburundi nabanyagihugu,zikagarukira igihugu kuko kiri mumazi abira.
Désiré nkundwa
Rwandatribune.com