Amazi y’Ikiyaga ca Tanganyika yaraduze ku rugero rudasanzwe, atuma imiryango itari mike ita izaboneka n’ubuzi bumwe bumwe burahagarara.
Aha twovuga nko muri zone Kibenga iri mu gisagara ca Bujumbura, imiryango ishika kuri mirongo ine (40 familles) imaze guta amazu yabo irahunga, kubera batewe n’amazi ya Tanganyika yuzura amazu babamwo.
Ahandi ni mu Ntara ya Rumonge cane ku Mutumba Kanyenkoko, aho hari imiryango ishika kuri mirongo itatu (30familles), nayo imaze kuva mumazu yabo irahunga, kubera batewe n’amazi y’ikiyaga ca Tanganyika.
Ugeze muri Quartier Asiatique, Kabondo, Kinindo, naho nuko nyene imiryango myinshi yarataye amazu yabo eka n’amazu amwamwe yakira ba mukerarugendo menshi amaze kwugara, kubera iryo duga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika, aho twovuga nka Hôte Safari Gate, Sercle Nautique, Beach eka n’ahandi henshi..
Iyo ufashe ibarabara rya Gatumba, hoho biteye ubwoba n’agahinda, Amahôteli menshi yakira ingenzi yarugaye, aha twotanga akarorero nk’ahitwa : Petit Bassam, Karera beach, Zion beach, Saga plage n’ahandi n’ahandi..
Ikibabaje cane n’uko ayo mazi yaduze cane ashika no mu ruzi Mutimbuzi, narwo ruruzura, ruca rutera mu mazu y’abanyagihugu bo muri Mutimbuzi, cane cane baba Mukajaga, Mushasha yambere n’iya kabiri, Kinyinya ya 1 na 2, ayo mazi yuzura mu mazu yabo.
Ubu twandika iyi nkuru abo banyagihugu batakigira aho bakika umusaya, eka barara mu gahinda ka nyaga nande n’abana, benshi ubusanga kwibarabara rya Gatumba, bakifashisha uduti ducuruzwa, tuba turaho bita amatete, bakadupanga, bakatugira nk’akazu, bagaheza bakiryamiramwo n’imiryango yabo..
Mwomenya ko abo banyagihugu bo muri Mutimbuzi, basavye ubutabazi kuva kera, eka banasaba ko bokwimurirwa ahandi, ariko leta y’u Burundi ataco yigeze ibikorako ngo ibatabare..
Abahinga bakaba bavuga ko leta ikwiye gutegura vuba na bwango ingene yo kingira abanyagihugu baba hafi y’ikiyaga ca Tanganyika, kuko kizoguma kiduga ku rugero rutari bwigere rubaho bitewe n’imvura nyinshi ihora igwa.
Rwandatribune.com