Abantu bashika 30 baramaze gufatwa n’indwara ya Korera muturere 3 nkuko vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kuri uyu wa kabiri ku mugoroba. Abanyagihugu bavuga ko biva k’ubukene bw’amazi meza.
Indwara ya Korera imaze kw’ibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, mu ntara ya Bujumbura no muntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi.
Ibitigiri bihari ni ivyatororokanijwe gushika ku wa 4 Nyakanga nk’uko bivugwa na Muganga Polycarpe Ndayikeza umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Abanyagihugu bavuga ko ubukene bw’amazi ari bwo bukwega ico kiza.
Nko mugisagara ca Bujumbura umurwa mukuru w’ubutunzi, abanyagihugu bo muburaruko bw’ico gisagara hari abamaze kwandura ico kiza, bavuga ko ubukene bw’amazi butuma bakoresha amazi yo mumwonga wa Nyabagere, ivyo bigatuma babangamirwa n’indwara ziturutse kw’isuku rike, na cane cane Korera.
Abo banyagihugu bagata umwikomo kw’ishirahamwe Regideso ridashoboye gutanga amazi meza mumakaritiye yose agize igisagara.
Ku wa gatandatu uheze, igiporisi gikinga impanuka carahaye amazi abanyagihugu bo mu makaritiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Nayo muri Rugombo mu ntara ya Cibitoke, ahasanzwe ari naho iyo ndwara yama izanana, kubera ubuekene bw’amazi meza, abanyagihugu banywa amazi ya Rusizi rusanzwe rugabura Uburundi na Repuburika y’ intwaro rusangi ya Kongo.
Ishirahamwe ry ‘abaganga batagira imbibe MSF ririko riravuza abafashwe kandi rikagira isekeza ryo guhimiriza mu mihana irimwo abafashwe n’ico kiza.
Ishirahamwe Croix-Burundi naryo rirakobeje ripompa ingo na cane cane izirimwo abanduye.
Abanyagihugu bo muri komine Rugombo nabo nyene bidogera ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba Regideso ko ridashaka kubaha amazi mezi mu ngo.
Mu Burundi, Korera iguma igaruka yisubiriza. Ibice vyo mu burengero bisanzwe vyegereye Tanganyika n’ivyo biguma bibangamirwa kurusha, nkuko bivurwa na UNICEF.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukaba bugabisha cane cane akarere k’Imbo kose co kimwe na Cibitoke na Nyanza-Lac muri Makamba mu bumanuko bw’igihugu nk’ahabangamiwe.
Abanyagihugu bo muri utwo turere bahamagarirwa gukwirikiza amabwirizwa y’isuku yose.
Iyi ni incuro ya kabiri ikiza ca Korera cibonekeje mur’uyu mwaka. Mukwezi kwa mbere korera yari yateye muri izo ntara nyene.
Freddy Nkurunziza