Mu Burundi, Ciza jean arongoye imbonerakure muri zone Gihogazi, afadikanije n’iyindi mbonerakure yitwa Nkurunziza Bosco, irongoye imbonerakure zo ku mutumba wa Murago komine Gihogazi intara ya Karusi, babandanya guhohotera abanyagihugu baba muriyo komine.
Izo mbonerakure uko ari zibiri zafashe umunyagihugu yitwa Félicien Ngendakumana batazira Murandura, baramuhohotera bamusiga ari indembe, bamusanze kukazi kiwe ka minsi yose kubucuruzi.
Harigihe cisaha zibiri nigice zijoro (20h30mn),aho bamusanga kukazi kiwe, bamubaza igituma atarugara, bugingo atanguye kwisigura,bamusimbirako , barakubita amahiri bamusiga ari ikirurume.
Ababanyi barahashitse, bamutwara kwivuriro rito rya komine Gihogazi, ariko abaganga ntaco bashoboye kumufasha kuko vyari bibarengeye.
Bukeye bwaho, umuryango wiwe wamutwaye wamutwaye kubitaro vya mutoyi biri muntara ya Gitega, Aho gushika ubu ariko akurikiranwa nabaganga.
Umuryango wa Félicien Ngendakumana eka nababanyi, bakaba babazwa cane, nuko izo mbonerakure zibiri ciza jean na Bosco nkurunziza,baguma bidengemvya, ntihagire nico bafasha uwo bahohoteye kugira ngo avurwe.
Ivyo bikagaragaza inyigisho z’umugambwe Cndd Fdd ndetse n’indongozi zimwe zimwe zibiba urwanko namacakubiri bama bigisha imbonerakure.
Umuryango wa Félicien Ngendakumana warituhe indongozi muri komine eka na komiseri kominale, ariko ntaco babafashije nakimwe kugira uwabo asubizwe agateka yambuwe n’izo mbonerakure.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com