Ku munsi wa gatandatu igenerekerezo rya 16/03/2024 aho hari umunsi mukuru w’abagore bahurikiye mu mugambwe Cndd FDD wabereye muntara ya Gitega, président Evariste Ndayishimiye yongeye kugaragaza imvugo z’ivangura, aho anarengera akikoma igihugu kibanyi c’u Rwanda.
Président Evariste Ndayishimiye yivugiye ngo abarundi bose babayeho mu munezero udasanzwe ndetse ataninzara n’ubushomeri bikivugwa mu barundi kuko ngo basezeye ubukene.
Yanyomoje avuga ati: “abarundi bose bataryohewe canke ngo bisanzure ngo nabagizwe imbohe n’igihugu c’u Rwanda.”
Akanashirako imvugo ndezarugero ivuga ati ahubwo uburundi bw’iteguriye gufasha no gutanga infashanyo kubindi bihugu bikenye..
Mwonamenya ko Evariste Ndayishimiye n’abo bafatanije kurongora igihugu baherutse kugabisha umurundi wese azofatwa afise ikintu gituruka mugihugu kibanyi c’u Rwanda azofatwa nk’umwansi w’igihugu c’u Burundi ndetse azoba akorana naza Red tabara na M23, eka no mundwi iheze hari umunyagihugu wo muri komine Kabarore muntara ya kayanza yishwe azira ko avuye gusumira mugihugu kibanyi c’u Rwanda.
Abarundi benshi eka n’amakungu bakaba batanguye kwibaza ko umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste ndayishimiye yoba afise ikibazo c’ingwara yo mumutwe kuko amajambo yirirwa avuga ateye isoni n’agahinda eka amaramaza uburundi n’abarundi .
Bati u Burundi n’igihugu canyuma gikenye kwisi, inzara ivuza ubuhuha mubarundi, ibiciro vyaduze kurugero rudasanzwe, abakozi bamwe basigaye bamara amezi ane batarahembwa, ikitakivugwa hoho ni kuronka umuyagankuba, amazi, ifaranga ry’uburundi ryataye agaciro bimwe batari vyigere bibaho kuva u Burundi bubaho, ikitavuzwe coco n’isinzi ry’abarundi birirwa banyuruzwa agasakisaki, bicwa batotezwa ku rugero rudasanzwe.
None président Evariste Ndayishimiye akavugira mumakoraniro atandukanye ko abarundi banezerewe kandi banabayeho mu buzima bwiza.
Abarundi benshi barongera bakamukebura bavuga bati Aho kuza avuga nabi igihugu kibanyi c’u Rwanda, ahubwo yarakwiye kugifatiraho akarorero, akacigirako mu ntumbero yo gukura mu kaga kadasanzwe yashizemwo igihugu c’u Burundi.
Bati igihugu c’u Rwanda kigeze ku muvuduko w’iterambere ridasanzwe mubisata vyose kandi kiri mu bihugu bifise umutekano kw’isi eka kirangwa naba mukerarugendo kurugero ruri hejuru.
Abarundi bagakebura président Evariste Ndayishimiye kureka kwama ashinyigurira abarundi bugarijwe n’ubukene bukabije, akavavanura nimvugo mbi za minsi yose, akikubita agashi agakorera abarundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com