Mu Burundi, hari imbonerakure zingana ijana na mirongo itanu (150 miliciens imbonerakure) zimaze iminsi zegeranirijwe ku mutumba wa Kajaga Komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura Rural.
Izo mbonerakure zotowe kumitumba yose igize komine mutimbuzi, kuva igenekerezo rya 29/01/2024.
Bitegekanijwe ko zizoja kwiga no kunonosora ubuhinga mu vyagisirikare, zihejeje zizoce zirungikwa mugihugu ca Congo (RDC), kugwanya M23, hamwe nabagwanyi babanyamulenge barongowe na Koloneli MAKANIKA.
Izo mbonerakure bivugwa ko zizotangura kurungikwa mu gihugu ca RDC itarike 05/02/2024.
Bagirishwa imyimenyerezo ya gisirikare nabasoda bo mwikambi ya Gakumbu, icungera ikibuga cindege citiriwe Melchior Ndadaye.
Iyo karashishi ya gisirikare bayikorera kuruzi Rusizi,bugorovye bakabatahana kurara mugihangare cimburirwamwo umuceri, kiri ku mutumba wa Kajaga, ca koperative yitwa “KIRA”.
Bamwe murizo mbonerakure, bakaba batanguye gutinya kuja muri RDC kugwanya M23, kubera bamaze iminsi bumva abasirikare nimbonerakure benshi bapfiriyeyo, harimwo nabagenzi babo.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com