Agasho Kadasanzwe mw’ibohero rya Gitega koba kateguriwe inde canke bande?
Nk’uko amakuru ava mw’ibohero rikuru rya Gitega abivuga, imbere muri iryo bohero haherutse kubakwa agasho gashasha kadasanzwe kandi koba kateguriwe n’umuntu adasanzwe kubera ingene kubatse.
Inkuru ziva mw’ibohero rya Gitega zivugako ako gasho kagizwe n’ivyumba bibiri bigabuje uruhome rukomeye. Icumba cose kingana hafi imetero zine kuri zitanu. Muri ico cumba kimwe cose barubatseyo akandi kumba karimwo ubwogero (douche) n’aho kwihagarika h’abasirimu (toilette à siège). Uretse ibisakazo (toiture), akumba kose gafise urusenge (plafond) rw’amabati mu mvo yo kubuza uwogira ico ashaka gucisha muri plafond.
Akumba kamwe kose gafise imbere yako akabuga gatoyi ko guteramiramwo, barabubakira aho umuntu ashobora gutekera. Ako kabanza ko guteramiramwo kubakishijwe impome zikomeye, hejuru ntigasakaye ariko hapfutswe n’akayungiro kugira ntihagire uwuhacisha ikintu ngo aterere uwuzoba ahapfungiwe.
Ubwo bwumba bubiri ntaho buhurira kiretse impome zibutandukanya. No mu gihe hagize uwuja kuramutsa abapfungiweyo, hariho amarembo atandukanye. Vyose bikozwe ku buryo abazoba bapfungiwe muri ubwo busho batazoshobora kubonana kandi ataho bazohurira n’abandi banyororo.
Aha rero abanyororo basanzwe bari muriyo bohero rikuru rya Gitega, bakaba baguma bibaza abo bantu babiri boba bateguriwe ako gasho kubatswe gihutihuti.
Kuva aho hafatiwe Général Bunyoni niho hatanguye kuboneka ubusho budasanzwe. Ubusho bugenewe abategetsi bibihangange, aho umuntu apfungwa ari wenyene, akabaho atawe bashobora kuganira.
Ico bikoze mubihangange vy’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD havugwamwo indyane nyinshi,uhereye hagati y’umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE n’umukuru w’umugambwe Reveriyano NDIKURIYO.
Nkurunziza Freddy