Mu Burundi, hamaze iminsi hibonekeza inyuruzwa ry’abantu agasakisaki bakaburirwa irengero rikabije mu gisagara ca Bujumbura ku bantu bakora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu.
Urwo ruhigi rukorwa n’abakozi b’iperereza, baguma bazunguruka igisagara cose, baraba uwo wese bikeka ko yoba akora ako kazi ko kuvunja canke afise idolari, Euro, bagaca bamufata bakamutwara kumufungira ahantu hatazwi,bakamutwara nudufaranga twose yarafise.
Akarorero ka hafi, naka Samuel kabura yafashwe ahejeje kuvunjira umuntu wumukenyezi kumunsi wagatandatu iginerekerezo rya 23/ 03/2024 ,banamutwara amafaranga yose yarafise, ajanwa ahantu hataramenyekana gushika iyi saha.
Hari uwundi mugwiza tunga akomeye cane yitwa Willy,nawe akaba yafashwe kumunsi wagatandatu iginerekerezo rya 23/ 03/2024 numukozi wiperereza yitwa colonel ndayikengurukiye batazira nkoroka hagati mugisagara ca Bujumbura, nawe bamutwara udufaranga twose yarafise, bongera bamujana kumufungira ahantu hataramenyekana gushika iyi saha.
Eka murino minsi ababa mu gisagara ca Bujumbura babona ko ahubwo ari ubusuma bukabije leta yateguye ifadikanije n’abakozi biperereza kugira bibe abo bavunjayi hamwe n’abandi bikeka ko bafise ifaranga mvamakungu.
Igitangaje n’uko umuntu wese biketse ko afise ifaranga mvamakungu baca bamufata,iyo bayamusanganye,bama baca bayabatwara ndetse bakanaja kubafungira mubusho butazwi.
Ivyo vyose naho leta y’u Burundi ibikora,ifaranga ry’uburundi riguma rita agaciro kumunsi kumunsi kurugero rudasanzwe eka ibintu bitari vyigere biboneka kuva Uburundi bubaho.
Gushika kumunsi wambere igenekerezo rya 25/03/02024
I dollars rimwe ryavunjwa hagati y’amafaranga 5600fb na 5700fb nayo
I Euro rimwe ryavunjwa hagati yamafaranga 5800fb na 5900fb.
Abarundi bakibaza nimba leta iriko ifata abo bavunjayi kugira ifaranga mvamakungu rigabanuke canke ahubwo ari ubusuma bukabije leta yateguye ifadikanije n’abakozi biperereza kugira basahure abo bavunjayi.
Abanyagihugu barasaba bashimitse ko leta y’u Burundi yoshira imbere intwaro ibereye,ishira imbere ineza n’iterambere ry’igihugu n’abanyagihugu aho kwama bategura gusahura no gutoteza abo barongoye.
Nkundwa Desire