Hari umupfasoni w’umumenyesha makuru yitwa Muhoza Sandra, yanyurujwe n’abakozi b’iperereza ku munsi wa gatandatu igenerekerezo rya 13/04/2024 igihe cisaha indwi n’igice z’umurango (13h30) mu Ntara ya Ngozi.
Imbere y’uko anyuruzwa n’abakozi b’iperereza, yabanje guhamagarwa n’umuntu yitwa Pocheni,w’igihangange mu mugambwe CNDD-FDD muri Iyo Ntara eka asanzwe akorana n’abakozi b’iperereza.
Kuva ico gihe Sandra muhoza ahamagawe ngo abonane n’uwo Pocheni, ngo bayage amakuru kubijanye n’igiterwa c’ivoka, ntiyongeye kuboneka mu kazi kiwe ka minsi yose canke mu muryango wiwe.
Sandra Muhoza, igihe ahamagawe nuwo Pocheni, ngo yabanje kugira amakenga n’ubwoba bwinshi, arahanuza bagenziwe, ariko araheza aramwitaba, niko kuburirwa irengero ryiwe kuva ico gihe.
Uwo mupfasoni, hari ubutumwa bugufi (message) yandikiye umugabo wiwe, buvuga buti:”Uwu munsi sintaha, uragaburira abana, umugabo arakebwa, aca agerageza ku mutelefona, ariko Téléphone igasona ntihagire uwitaba numwe..
Sandra Muhoza biravugwa ko yoba yanyurujwe n’abakozi b’iperereza kumvo zuko hamaze iminsi hasamirana i Burundi no hanze igurwa, niyinjizwa ry’imipanga mu gihugu c’Uburundi biciye mwishiramwe Fondation Pax Burundi rirongowe n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD Reverien ndikuriyo….
Umuryango wiwe wagerageje ku murondera mubusho butandukanye i Ngozi be no mugihugu cose, ariko bakaba bataramenya aho aherereye.
Sandra muhoza akaba yokorana nibinyamakuru bitandukanye i Burundi nka radio bonesha FM,i Ngozi yakorera radio intumbero fm ,agakorera n’ikinyamakuru candika la NOVA Burundi.
Kuva afashwe kumunsi wagatandatu iginerekerezo rya 13/04/2024 n’abakozi biperereza, Umuryango wiwe eka n’abakozi bakorana bakaba bataramenya aho uwabo afungiwe n’imvo zatumye bamunyuruza.
Umuryango wiwe ukaba usaba ko uwabo atokwicwa canke ngo agirirwe nabi nkuko bisanzwe bimenyerewe iyo umuntu anyurujwe murubwo buryo.
Desire NNKUNDWA
Rwandatribune.com