Mu Burundi, umunyagihugu yitwa Kabura Samuel yaranyurujwe n’abantu bataramenyekana, bivugwa ko ari abakozi b’iperereza mu gisagara ca Bujumbura ku munsi wa gatandatu igenerekerezo rya 23/03/2024 igihe c’isaha y’icenda n’igice (15h30mn).
Uwo munyagihugu bamusanze hagati mu gisagara ca Bujumbura kuri avenue de l’amitié impande yinyubakwa ya SOCABU muri zone rohero,aho asanzwe akorera akazi kiwe ka minsi yose ko kuvunja amafaranga mvamakungu.
Imbere yo gufatwa habanje kuza umukenyezi aje kuvunjisha amadolari amagana atanu na mirongo ibiri (520 dollars) barumvikana na Kabura Samuel ibiciro, araheza aramuha amafaranga mu marundi bumvikanye.
Samuel kabura, agiheza kumuha ayo mafaranga,ubwo nyene haciye haza imodoka yo mwiperereza Toyota Hilux ifise ibiyo bitabona eka bapfutse na plaque, irimwo abantu bambaye impuzu za polisi, baca bafata Samuel Kabura, bamuterera muriyo modoka bamuboshe bagenda biruka.
Gushika iyi saha twandika iyi nkuru Umuryango wiwe abo bakorana incuti abagenzi bakaba baragerageje kumurondera mu busho bwose bw’igihugu ariko bakaba bataramenya aho afungiwe.
Abanyagihugu bakaba batabariza kabura Samuel ko atogirirwa nabi, nk’uko kenshi iyo abavunjayi bafashwe murubwo buryo bama batorwa bapfuye.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com