Umunywanyi w’umugambwe CNL (Congrès National de Liberté) yitwa NIMBONA Georges, afise akazina kubuhizi ka MANYENYE, akaba n’umukuru w’umugambwe CNL muri zone Buringa iri muri commune Ya GIHANGA intara ya BUBANZA, yaraye ashimuswe muri iri joro ryo ku wamungu itarike 28/01/2024, igihe c’isaha zine niminoto mirongibiri (22h20) zijoro.
Uwo mugambwe CNL ukaba urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa kurwego rw’igihugu.
Akaba yafashwe, atwarwa n’abantu batandatu bambaye impuzu za gisirikare bafise inkoho nk’uko isoko ya Rwandatribune mu Burundi ibivuga.
Abaje kumufata bari bafise imodoka yo mu bwoko bwa Toyota ifise ibara ry’ubururu hamwe n’ibiyo bitabona (voiture Toyota à vitre teintée).
Bakaba bamufatiye mukirabo (bar) co muri zone Buringa bita ku ( MUKARATUSI) ajanwa akubitwa, aboshe agenda aboroga..
Gushika iyi saha,umuryango wiwe, incuti abagenzi, bakaba bataramenya iyo uwabo afungiwe, n’imvo zatumye bamufata.
Umuryango wiwe, usaba ko uwabo yorekurwa kuko atakibi yakoze,ukongera ukanasaba ko atogirirwa nabi n’abo bamufashe gikubikubi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com