Ibiciro vy’’ibihumbi bitanu n’ibihumbi indwi vyafuswe muri LUMITEL
Abakoresha umuhora w’ishirahamwe ryo gutumatumanako LUMITEL baridogera iryo shirahamwe ko ritaborohereza na gato, mugihe riguma ribazimba kubiciro bijanye no gukoresha uyo muhora. Abanyagihugu na cane ababa mugisa c’ubutunzi Bujumbura bavugako babajwe n’ingingo y’iryo shirahamwe yo gukuraho igiciro c’ibihumbi bitanu n’ibihumbi indwi mugutumatumanako no gukoresha urubuga ngurukanabumenyi : “Ishirahamwe LUMITEL naryo riravyunyuye mugukuraho bouquets za 5000 na 7000.Urumva hasigaye izo kuva kubihumbi cumi no kuduga. None ayo mahera tuzoyakura hehe?”
Abanywanyi biryo shirahamwe bavugako reta ititayeho igenzugurwa ry’ibiciro muri LUMITEL kuberako umugambwe uri kubutegetsi canke ibi hagange muri uyo mugambwe boba bafise umitahe muri iryo shirahamwe : “ Umugambwe CNDD-FDD n’abamwe mubategetsi bakomakomeye barashize imitahe muri LUMITEL kandi nibo bayizanye. Nico gituma iryo shirahamwe rishinga ibiciro uko ryishakiye.”
Ishirahamwe LUMITEL rikaba risigaye rifise abanywanyi benshi inyuma y’ishirahamwe ECONET na ONAMOB rya Reta, asanzwe ariyo mashirahamwe yonyene akorera muri ico gisata co gutumatumanako mu Burundi.