Mwibohero rikuru ry’intara ya Muramvya,hari uwahoze mugisirikare ca leta (ex-FAB), afungiwe muriryo bohero, ubuzima bwiwe bukaba bubangamiwe bimwe biteye agahinda.
Uwo nawe akaba ari General major Ndayisaba Célestin,afise imyaka mirongo irindwi numwe (71ans) yamavuko.
Akaba amaze igihe kinini agwaye bikomeye,atagishobora no gutambuka wenyene ngo yishikane hanze,,bagenziwe nibo bamuterura bakamujana kwota akazuba hanze, bakongera guterura bamwinjiza mukazu afungiwemwo.
General major Ndayisaba Célestin,amaze igihe kinini asaba ko bomureka akaja kwivuza hanze yiryo bohero, kuko amagara yiwe abangamiwe kurugero rudasanzwe,,, ariko bakaba baramwankiye.
Umuganga akorera muriryo bohero rya mpimba,yarerekanye ko uwo mu general akeneye kuja kwivuriza hanze yibohero,ahari abaganga babahinga bafise nubuhinga bwa none..
Ariko uwurongoye iryo bohero rya Muramvya be n’umushikiranganji wubutungane Domine Banyankimbona,baravyanse.
Abo bose baguma birengagiza ubwo busabe bwa general Ndayisaba Célestin, basanzwe bamaze igihe kinini bazi ko afise ingwara nyinshi zibangamiye ubuzima bwiwe, ariko abo bategetsi bakaguma bica amatwi .
Umuryango wiwe,urasaba ko uwo mushikiranganji Domine Banyankimbona ko yokwifata mujisho,akareka uwabo akaronka uburenganzira bwo kwivuza.
Ikindi birengagiza nuko umuntu wese naho aba afunzwe, afise uburenganzira bwo kwivuza mugihe afise ingwara iyariyo yose.
Kumwankira kwivuza ni kurengera ubuzima bwa kiremwa muntu,kandi bihanwa n’amategeko y’igihugu c’Uburundi na mpuzamakungu..
Abarundi bakabona ko ahubwo ari ya ntumbero ya leta y’uburundi yo guhohotera abahoze mugisirikare c’Uburundi bose ba kera (ex-FAB), bibandanya gushirwa mungiro.
Umuryango wiwe incuti eka abo bose bagifise umutima w’urukundo, barasaba bashimitse uwurongoye iryo bohero rya Muramvya hamwe numushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona ko bokubita agatima mpembero,bakareka general Célestin Ndayisaba akaja kwivuza.
Mukanamenya ko hari abanyoro bamaze igihe bapfira mubusho butandukanye bw’Igihugu kubera bankiwe kuja kwivuza nizo ndongozi,kandi ntizigere zikurikiranwa.
Akagohe, nuko nabo bayobozi badakwiye gusya bwose,ngo nuko bari muntwaro ya Cnddfdd,, kuko ejo nabo bashobora kwisanga murayo mabohero bafunzwe,,, ahubwo basaba nubufasha ngo babatabarize, nabo ubuzima bwabo bugeramiwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com