Mu Burundi muri zone Kanyosha komine Muha mu gisagara ca Bujumbura hasubiriye kwibonekeza itwoza ry’amafaranga ku nguvu ku bantu bose b’abacuruzi bakorera murako gace.
Iryo tozwa kunguvu ry’amafaranga ryatanguye ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 19/03/2024, bikaba bikorwa n’imbonerakure zifatanije n’indongozi zaho.
Umuntu wese afise ubucuruzi akorera muri zone kanyosha ategekwa gutanga amafaranga ibihumbi bitanu.
Izo mbonerakure mu gutoza amafaranga ntanikigaragaza ko umudandaza yayatanze bamuha nakimwe, uretse ahubwo ko babagirako iterabwoba iyo baje kuyatoza kunguvu, bagasanga atayo bafise.
Baca bababwira ko hashitse itarike 24/03/2024 uwuzoba atarayatanga wese azoca akorerwako, bisigura ko ashobora gufatwa agafungwa, akicwa, agatotezwa eka akitwa umwansi w’igihugu c’u Burundi.
Iyo misore sore y’imbonerakure itoza ayo mafaranga ku murango canke mw’ijoro bakabikora bafise amahiri abandi bambaye impuzu za gisirikare na polisi.
Bagenda bazunguruka aho hose harangurirwa imirimo itandukanye.
Abacuruzi bakorera murako gace, bakaba bidoga bavuga ko batumva impamvu bama batozwa amafaranga kunguvu, batagishijwe inama kandi bama bariha imisoro ya leta.
Abo bacuruzi bakabona ko ari ubusuma bweruye bakorerwa ku mugaragaro nizo mbonerakure zihurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi Cndd FDD zifatanije n’indongozi za zone kanyosha mu gisagara ca Bujumbura.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com