Mu ntara ya Ngozi, hamaze iminsi hari ibikorwa vyo guhimiriza abanyagihugu bose ku mitumba no muma karatiye, gutanga intererano yo gutegura amatora yimirije muri 2025 na 2027.
Ivyo bikorwa bigayitse bikaba vyashinzwe ahanini abakuru b’imitumba,zone bafatanije nimbonerakure mu guhimiriza no gutoza kunguvu ayo mafaranga kuri buri muntu wese akwije imyaka yo gutora (18ans)..
Abo bashinzwe iyo mirimo, bavuga ko umunyagihugu wese atazotanga iyo ntererano, azoca afatwa nk’umwansi w’igihugu eka atana service nimwe azoba yemerewe kuronswa,mubuyobozi bw’ibanze no hejuru,kuko azoba yerekanye ko ari igipinga intumva Mujeri,adakunda igihugu c’Uburundi.
Barongera bati, uwuzoba akeneye service mubuyobozi wese,azoja agenda yitwaje agapapuro kerekana ko yatanze intererano yamatora yimirije…
Ivyo bikorwa bikaba vyatanguye gushirwa kumugaragaro muriyo ntara ya Ngozi, kumunsi wagatandatu igenekerezo rya 20/04/2024, inyuma yibikorwa rusangi, akarorero nako muri karatiye kinyami ya zone na komine Ngozi,,aho vyatangujwe numukuru w’iyo karitiye nyene bita Nestor..
Mwomenya ko bashizeho itegeko ko umunyagihugu asanzwe akenye,,umunyeshure akwije imyaka yo gutora,ari gutanga amafaranga ibihumbi bibiri (2000fb par tête) kumuntu,, kuvuga n’umuryango ufise abana umunani nabavyeyi babiri bakwije iyo myaka bose bategekwa kuzoyatanga.
Nayo abakozi ba leta batandukanye be nabacuruzi,bazotanga guhera kubihumbi bitanu (5000fb) nayarenga bivanye n’uko abo bashinzwe ivyo bikorwa hamwe n’imbonerakure bafatanije n’uburungozi bw’umugambwe cnddfdd babipanze kumitumba yose no muma karatiye,, bisunze urwego umukozi arimwo, canke urwego umucuruzi arimwo..
Abanyagihugu bo muntara ya Ngozi, bakaba biyamiriza ivyo bikorwa bigayitse bama bakorerwa n’intwaro ya Cnddfdd,vyo kwama babatoza amafaranga nkunguvu,,kandi basanzwe bibereye mubukene budasanzwe.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com