Muri Komine Butanganzwa Intara ya Kayanza harangwa itozwa ry’amafaranga ku nguvu, bikorwa n’indongozi zifatanije n’imbonerakure mu banyagihugu bose baba muri iyo Komine.
Umunyagihugu wese aba muriyo Komine ategekwa gutanga amafaranga bivanye nubushobozi bafise, bivuye ku ntenguro n’inyigo yakozwe n’abayobozi ba Komine, mu ntumbero yo kubaka inzu yokwakira ba mukerarugendo, nkuko bishikirizwa na Musitanteri w’iyo Komine Janvière Kanyana…
Akarorero nako kubigisha, bategekwa gutanga kunguvu amafaranga bivanye n’urupapuro rw’ umutsindo bafise rw’amashure (Diplôme).
Umwigisha afise Diplôme yo kugwego rwa D6 ategekwa gutanga amafaranga ibihumbi 18000fb,
Uwufise diplôme ya D7 ategekwa gutanga amafaranga ibihumbi 27000fb nayo uwufise diplôme yo kugwego rwa licence ategekwa gutanga amafaranga ibihumbi 90.000fb,,ikirenzeko nabarimu babiri bubakanye bose bategekwa gutanga ayo mafaranga, umwe kugatwe kiwe..
Umunyagihugu nawe wese asanzwe aba muriyo komine akwije imyaka cumi 18ans,ategekwa gutanga amafaranga 1500fb,yaba umunyeshuri canke umurimyi.
Bisigura ko abavyeyi bafise nkabana indwi bakwije iyo myaka, bategerezwa kubarihira ayo mafaranga kunguvu,,, ivyo navyo bikabandanya bishira ubuzima bwabo n’imiryango mukaga kadasanzwe.
Ayo mafaranga, musitanteri wiyo komine Janvière kanyana, ategeka ko bose bazoba bahejeje kuyatanga kugeza itarike 01/06/2024,, akongera akamenyesha ko uwo wese azoba atarayatanga, atakintu nakimwe azoba yemerewe kuronka muriyo komine arongoye.
Mwomenya ko abacuruzi nabo bategekwa gutanga amafaranga guhera kubihumbi 25000fb gushika kubihumbi 300.000fb bivanye ninyigo yakozwe nabo bayobozi.
Abigisha, abacuruzi eka nabanyagihugu, baragerageje kwitura buramatari w’iyo ntara kugira ahagarike iryo tozwa kunguvu ryamafaranga, ahubwo yababwiye ko abatazoyatanga ari abansi b’iterambere ry’iyo ntara n’igihugu..
Abanyagihugu bavuga ko baruhishijwe n’intwaro ya CNDDFDD, ko yama ibatoza kunguvu amafaranga buri gihe, kandi nabo bugarijwe n’ubukene budasanzwe, eka inzara ivuza ubuhuha mu miryango yabo no mu gihugu cose.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com