Mu Burundi mu ntara ya Muramvya, harangwa itozwa ry’amafaranga kunguvu, kubigisha bose bahakorera.
Abigisha bose, abayobozi babo bategekwa gutanga amafaranga yo guterera kugira ngo babandanye kubapa ikibuga c’umupira w’amaguru (stade royale) kiri ku murwa mukuru w’iyo ntara.
Abigisha bose bo mu mashure mato mato, bategekwa gutanga amafaranga ibihumbi bitanu (5000fb) nayo abayobozi babo bagategekwa gutanga amafaranga ibihumbi cumi (10.000fb).
Nayo abigisha bo mumashure yisumbuye bategekwa gutanga amafaranga ibihumbi cumi vyamarundi ( 10.000fb), nayo abayobozi babo bategekwa gutanga amafaranga ibihumbi mirongo ibiri (20.000fb).
Abayobozi b’indero muma komine bategekwa gutanga amafaranga ibihumbi mirongo itatu (30.000fb).
Iryo tozwa kunguvu ryamafaranga, rikaba ryategetswe n’indongozi z’umugambwe Cndd FDD mu ntara ya Muramvya bafatanije na buramatari.
Abo bigisha bo muriyo ntara bakaba biyamiriza iryo tozwa kunguvu ryamafaranga bama bakorerwa burigihe, biciye mumugambwe Cndd FDD, kuko baheruka no kuyatozwa, kunguvu mumwaka uheze wa 2023 ngo nayo kubaka ico kibuga c’umupira w’amaguru.
Ahubwo abo bigisha babona ko ari ubusuma bukabije bariko bakorerwa n’indongozi zabo zifatanije nabahurikiye mumugambwe Cndd FDD.
Abo bigisha bariyamiriza iryo tozwa kunguvu ryamafaranga bama bakorerwa, batanagishijwe Inama, narirya basanzwe babayeho mubuzima bubi, kubera ibintu vyose vyaduze ibiciro nayo agashara kukwezi katigera kaduga, eka ubu bahembwa intica ntikize