Mu Burundi, muri komine Ntega intara ya kirundo, abanyagihugu bategetswe gutanga kunguvu amafaranga be ninfungurwa , zitegekanijwe guhabwa umukuru w’umugambwe Cndd FDD mushasha, muco leta y’u Burundi yise intara ya Butanyerera.
Bavyita ngo ni ugushikanira no kwakira umukuru. Abanyagihugu ba komine Ntega bategetswe gutanga ayo mafaranga ninfungurwa kunguvu, guhera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 26/02/2024 , bakaba banahawe n’ikiringo ntarengwa co kuyatanga kugeza ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 01/03/2024.
Bafashe ingo zisa nizikenye gutanga amafaranga ibihumbi bitatu (3000fb).
Nayo izisa nizisumbuye zitegerwa gutanga amafaranga guhera ku bihumbi bitanu 5000fb gushika kuri 50.000fb.
Hakaba hari nabategekwa gutanga ifungurwa (des vivres) mu gihe bataronse ayo mafaranga.
Abanyagihugu bakaba bemera kuyatanga kugira bakize agatwe kabo, kuko uwo wese atayatanze aheza agafatwa nk’umwansi w’igihugu c’u Burundi kuburya baca bamwita “igipinga, intumva, Mujeri ” ko ari kubakorerako, bisigura kumufata bakamuhohotera bakamufunga eka nukwicwa akicwa.
Igiteye ubwoba bwinshi, ni amajambo avangura akoreshwa n’imbonerakure ikomeye yitwa Habimana Ferdinand, aho ahamagarira abanywanyi b’umugambwe Cndd FDD gukurikirana uwo wese atari muri Cndd FDD.
Ngo ni ukumukorerako mpaka yemeye kwinjira mu mugambwe cnddfdd,yanse naho ari kumuhohotera, kumufunga, kugira amatora yimirije azobe, bose barinjiye muri Cndd FDD.
Aho iyo mbonerakure kure ivuga iti “nugupingura ivyo bipinga, Mujeri, intumva zose “‘ bagashirira bakaba inkona nimbonerakure za Cndd FDD.
Mukanamenya ko ayo mafaranga n’infungurwa zitozwa kunguvu, atakintu nakimwe bahaye abanyagihugu kigaragaza ico batanze, ntaka reçu, nta kitanse uretse kubandika mu gakaye gasanzwe.
Abatanga infungurwa nabo, bategekwa gutanga, umuceri, ibiharage, ibigori,igitoke gusa, kuko ngo nivyo bifise agaciro.
Abanyagihugu bo muntara ya kirundo eka mu Burundi bwose, baravuga ko barambiwe ningendo mbi zindongozi nizabanywanyi bamwe ba Cndd FDD.
Bakavuga ati birigwa badutoza amafaranga kunguvu, indya, gutegekwa kuja kwakira umukuru w’umugambwe Cndd FDD runaka, batitaye ku bibazo vy’ubukene bibugarije.
Bagasemerera bavuga bati inzara ivuza ubuhuha mungo zabo, leta yari ikwiye kwisubirako ikareka abarundi bagakora imirimo yabo eka babareke basubire kwibera mu mahoro n’ubumwe nka mbere.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com