Ivyaha vyagirizwa Alain-Guillaume BUNYONI bitera vyiyongera
Mu kiganiro abavugizi b’inzego za reta ya Gitega batanze kuri uyu kane mu ntara ya Muramvya, Agnès Bangiricenge avugira ubushikiranganji bw’ubutungane yamenyesheje ko amatohoza akibandanya ku vyaha uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni yagirizwa.
Agnès Bangiricenge yavuze ko mu ntango Bunyoni yari yagirijwe ivyaha bitatu, arivyo : uguhungabanya umutekano w’igihugu, guhungabanya ubutunzi bw’igihugu no kwiha inyungu atarekuriwe. Ubu ariko ngo yarongeweko ibindi vyaha bibiri, arivyo : Ugutunga ibirwanisho atarekuriwe hamwe no gutuka Umukuru w’Igihugu.
Umumenyeshamakuru yabajije nimba hari igitangaza iyo hatowe ibirwanisho kwa Général. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane Agnès Bangiricenge yishuye ko ibirwanisho Bunyoni yagirizwa ari ibirwanisho bitarekuwe mu rugo kwa Général. Ntiyatomoye ariko ivyo birwanisho ivyarivyo.
Général Alain-guillaume akaba yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza uyu mwaka w’2023 ahitwa Nyamuzi muri zone Mubone komine Kabezi muntara ya Bujumbura aho yari yinyegeje.
Nkurunziza Freddy