Aho twotanga akarorero nko mu gisagara ca Bujumbura, aho abakozi basigaye babura ingene biyunguruza ngo bashike kumirimo bajejwe, kubera ata modoka zunguruza abantu zikiboneka , muma quartier ngo zibatware kumvo zuko ziba zabuze igitoro (essence).
Ababa mu gisagara ca Bujumbura ca Bujumbura, bavuga ko niyo hagize imodoka iboneka,isanga imirongo y’abantu benshi batonze ,mukwinjira bakanigana,kuburyo umuntu adafise inguvu adashobora kwinjira.
Duhereye nko muri quartier carama iri muri komine kinama,mu gisagara ca Bujumbura,aho Abanyagihugu baba murivyo bice, bavuga ko bobo guhera ejo hahise kuwambere itarike 15/04/2024 be nuwu munsi kuwakabiri itarike 16/04/2024 ,atamodoka nimwe yunguruza abantu irigera ishika muriyo quartier babamwo..
Ivyo navyo bituma bamwe bidakunda ko baja kukazi, kubera hari abo usanga banageze muzabukuru,canke bafise ubundi bugwayi bidakunda ko batambuka ngo bashike kumirimo bajejwe.
Kenshi ivyo navyo,bigaca bituma hama amakimbirane hagati yumukozi n’umukoresha..
Abarundi bati président Evariste ndayishimiye,arakwiye kwikebuka kuko igihugu akigejeje ahatemba eka mu Burundi harangwa ikena ry’ibintu nka vyose,igitoro,amazi, umuriro nibindi vyinshi, ikitavuzwe coco niduga ry’ibiciro.
Abasesanguzi bihweza ibiriko bibera mu Burundi, baravuga ko igihugu kigeramiwe bimwe bidasanzwe,mumpande zose, kuko ubutunzi bwaguye hasi birenze,eka igihugu cugarijwe n’uburungozi bubi,, bati atagihindutse mundongozi,u burundi ntagisivya burabandanya kugwa mu manga idasanzwe
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com