Izi nyandiko ziriko ziriyamiriza umukuru w’igihugu c’ u Burundi Evariste NDAYISHIMIYE zatanguye kuvugwa ku wambere igenekerezo rya 01 Mukakaro 2024, ku murwa mukuru w’Intara ya Gitega ndetse zikezike zikaba zarafotowe.
Inkuru dusoma ku rubuga ngurukanabumenyi rwa Facebook rw’ Umurundi witwa Pacifique Nininahazwe ivuga yuko Izindi nyandiko nkizo nyene nazo zatowe ejo haheze ku igenekerezo rya 3 Mukakaro2024 ku kirimba c’umukuru w’igihugu (Ntare Rushatsi House) hamwe no ku nkengera zaco.
Umwe mu babibonye yanditse ati: “Mu ngoro kwa Ntare et aux alentours hazindutse hatorwa inyandiko (tracts) ziyamiriza umukuru w’igihugu c’Uburundi ((nka zimwe zatogwa le 1er juillet i Gitega).
Abantu batangaye ukuntu izo mpapuro zashitse indani ntihagire n’uwufatwa !”
Uwakabiri nawe yanditse ejo nyene ati:’Ku nkengera za Palais kwa Ntare, hatowe amatracts yiyamiriza umukuru w’igihugu. Izo tracts ni nka zimwe zatorwa igitega! Baciye babinigira mu menshi, ntawari yemerewe gufotora. Habaye uruhagarara kwa Ntare. Vyabaye mu gatondo.”
Izi nyandiko ziratandukanye n’izindi nka benizi zari zimaze igihe ziza ziratorwa. Izindi wahora usanga zivuga umurwi utazwi uzanditse, haraho bahora biyita ko ari umurwi w’abasirikare n’abapolisi bashaka impinduka, haraho wasanga bavuga umurwi w’abarwanyi utazwi, canke abatanguje kandi bagwaniye CNDD-FDD bashavujwe n’abariko baratwara, menga abanditse ntibivuze.
Izo nyandiko zibutsa ko Igihugu kigeze habi zigashira amakosa yose kuri Prezida Ndayishimiye n’akarwi kiwe. Ishavu ryose ryumvikana ko riri kuri Ndayishimiye, ku mvugo akoresha, ku kaborerwe k’ubutegetsi, ku matungo yiwe y’umurengera. Inyandiko zihamagarira umurundi wese guhaguruka, zikemeza ko iki arico gihe co gutabara igihugu mu kwikura ko Evariste Ndayishimiye.
Biboneka ko ari inyandiko zishobora kuba ziva mu butegetsi nyene kuko abazanditse ntibidogera CNDD-FDD nkuko vyahora. Iboneka nk’intambara iri mu bategetsi ubwabo.
Kuba izo nyandiko zigera aho zitorwa mu ngoro y’umukuru w’igihugu no ku nkengera zayo, akaba atawazizanye yafashwe ni ikimenyetso kitabesha ko ziriko zizanana mu butegetsi nyene. Ibintu vyifashe gutyo mu gihe ibihuha bivuga ukutumvikana kw’isonga ry’ubutegetsi, na cane cane hagati y’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wiwe wa mbere biguma vyongerekana.
Inyandiko nkizo zishobora kuva muri rumwe rwose mu mpande zishamiranye : abashigikiye Ndayishimiye bashobora kubikora kugira berekane ko abo bashamiranye bariko baragumura Igihugu, canke abo nyene nabo bakabikora berekane ko vyayangaye rwose.
Ni Nkuko hashobora kwaduka n’umurwi wundi ukeneye kuduza ukwikekana. Ico bikoze igihe Uburundi burimwo nticoroshe : igihugu gisagirijwe n’ibibazo mu mpande zose mu gihe abatwara ata nyishu berekana ko bafise, henshi bagahitamwo guhakana ivyo bibazo no gukekeza Abarundi bagowe.
Uguhangana kw’abategetsi bo hejuru mu gihe nkico kuvyara ibihuha vyinshi, mbere bigashobora no gukwega akaga mu gihugu hamwe n’abanyagihugu mu ntara zose.
Bamwe mubanyagihugu bagize ico biyumvira kuri iyi aya makuru bavuze ko batumva ingenea ahantu nko kuri Présidence umuntu yashobora kuzitwarayo atahakora canke ntibamubone ahoho ntihoba hatandukanye n’ahandi hose, Niyomwungere yagize ati: ”Nobabazwa cane hamwe hoba hakirabantu boba bagishigikiye Evariste Ndayishimiye w’ umurundi atarumunyamahanga! Ndibaza ntabo, nagende n’imyaka ine amaze atwara yarishe igihugu, ntidukeneye kuguma dupfa.
Naho Niyokwizera Elie yagize ati: “Iri nikosa ridasanzwe ry’ Abashingamateka n’ Abankenguzamateka kuko ntibazi igihagararo bafise mu gihugu kuko naho mwoba musangiye Umugambwe ntibisigura ko muca mureka kugenzurana neza kandi muzi ko atwaye nabi Abarundi bazobakurako amaboko mu matora; igikwiye nuko bosoma ico Amategeko avuga mugihe Leta yananiwe canke bagakinjura.
Biramaze kumenyerwa ko abanyagihugu bakomeza kuja baranebagura ubutegetsi bwa Bujumbura ko bukomeza kuja burahonyora agateka kazinamuntu kandi ntangene bufise bwo gusigura ibibazo biri mu gihugu kugira ngo babitorere inyishu, bigatuma igihugu gihora mu matati adashira.
Jean Claude MISIGARO
Rwandatribune.com