Igisirikare c’Uburundi kigiye gukorana n’igisirikare c’Uburusiya.
Reta y’Uburundi iherutse kwemeza amasezerano y’ugukorana n’Uburusiya muvya gisirikare. Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa gatatu, haremejwe integuro y’ibwirizwa rijanye nayo masezerano yo gufashanya muvya gisirikare n’ivy’ubuhinga hagati ya Reta y’Uburundi na Reta y’Uburusiya.
Ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe kwivuna abansi busigura ko mu mirimo Reta y’Uburundi yashinze urwego rw’igisirikare, harimwo gukingira imbibe z’igihugu n’ukwikukira kw’Uburundi. Urwo rwego rutegerezwa kurwanya uwo wese yotera inzego z’igihugu, rukongera rugakingira inyungu nkuru nkuru z’igihugu. Kugirango urwo rwego rurangure neza iyo mirimo rwashinzwe, rutegerezwa kuronka ibikoresho vya gisirikare bigezweho. Ni muri iyo ntumbero hatewe umukono ku masezerano yo gifashanya mu vya gisikare no mu vy’ubuhinga hagati ya Reta y’Uburundi na Reta y’Uburusiya.
Ayo masezerano rero yogufashanya muvyagisirikare akaba yemejwe inyuma yahoo mumpera z’ukwezi kwa gatanu umushikiranganji w’imigenderanire w’igihugu c’uburusiya Sergey LAVROV agize urugendo mu Burundi.
Freddy Nkurunziza