Abantu bafata ingendo baca kumupaka wa kobero uhuza u Burundi na Tanzaniya, baridogera cane abajejwe abinjira nabasohoka bahakorera.
Bavuga ko umuntu wese kugira yemerewe kurenga uwo mupaka abwirizwa gutanga igiturire c’ibihimbi mirongo ine (40.000fb).
Kuvaho uburundi bwugariye imipaka yose igihuza n’u RWANDA, gufata urugendo uva mu Burundi uja Rwanda canke Uganda bisigaye bigoye cane muri bino bihe.
Uwo wese ashaka kuja murivyo bihugu uko ari bibiri, abwirizwa guca mu ntara ya Muyinga kugira ashike Kobero.
Navyo bikaba bitwara hagati y’ amasaha cumi natanu na cumi natandatu (entre 15h et 16h de temps en route) n’amafaranga yurugendo ibihumbi amajana abiri yamarundi (200.000fb) gushika mu Rwanda, hakiyongerako nayo ibihumbi mirongo ine vy’igiturire (40.000fb de corruption pour les employés des deux frontières).
Iyo ruswa ikabije kumupaka ikaba itozwa kunguvu muri ubu buryo bakurikira.
-Umupolisi ashirako ikimangu co gusohoka uburundi bamuha ibihumbi cumi (10.000fb)
-Umuganga ajejwe kuraba ko ingenzi zakingiwe (vaccin contre la fièvre jaune) nawe bamuha ibihumbi cumi (10.000fb), n’uwuba afise urwo rukingo,ategerezwa kuyatanga kugira yambuke umupaka.
Izo ngenzi ,zirongera zikariha ibihumbi mirongo ibiri (20.000fb) angana nibihumbi cumi vyama shilling yama tanzaniya, kugira naho bumushirireko ikimangu co kwinjira mugihugu.
Muri make,ntakintu nakimwe bashobora gukorera ingenzi kurizo mpande zose zitabanje gutanga igiturire.
Abafata izo ngendo, bakabona ko umupaka wa kobero wabaye ikirimbiro rya ruswa,aho kwakira no gutanga service nziza ba mukerarugendo.
Abahaca bose bagasaba ko ivyo bihugu uko ari bibiri vyogerageza, bigahagarika izo nyifato zabo bahakorera.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com