Umushingamateka Agathon Rwasa yahora arongoye umugambweCNL avuga ko atarota yishikana mu mugambwe Cndd-fdd naho yasamburiwe umugambwe wiwe CNL ko azobandanya aharanira ukuri na democrasi.
Rwasa akaba amenyesha kandi ko ategerezwa kuzokwitabira amatora ya 2025 uko azoba atunganijwe kwose. ibi yabishikirije ejo ku musi w’Imana mu gihe yari umutumire mu kiganiro agahaze categuwe na FOCODE.
Mu kiganiro agahaze catunganijwe n’ishirahamwe FOCODE kikaremeshwa na Gilbert Niyonkuru akora kuri Radio RPA Ijwi ry’abanyagihugu, Agathon Rwasa yavuze ko umugambwe Cndd-Fdd wamye ushaka kwihariza urubuga rwa Politike wonyene mu kwanka kwemera ko hari iyindi migambwe ishobora guhiganwa nawo mu matora.
Rwasa Agathon yagize ati:«Kuva kera ubutegetsi bwa Cndd-Fdd kuva bugitangura ntibwigeze bwemera ko hari abandi bantu bogira ijambo mu Burundi.ibi ndabivuga nishimikije ivyabaye muri iriya myaka baraje baradutera muza Cibitoke turarwana turabanesha barasubira baradutera muri za bubanza bigenda uko nyene ivyo babikora kubera ivyo barimwo na Buyoya.muri 2009-2010 muribuka bazana nyakuri muri FNL ico gihe baratwankiye gukora inama rukokoma kuko bari bafise abo bashaka gushiraho munyuma yaho baranka ko ntashobora kwitwa umu FNL.
Uyu musi rero ibiriko biraba nivyabindi vyamyeho vyo kudashaka iyindi migambwe itavuga rumwe na Cndd-Fdd.rero ivyabaye muri cnl uwurongoye umugambwe Cndd-Fdd yari yabivuze ko ntegerezwa kuba umugenzi canke incuti y’umugambwe Cndd-Fdd nimba twaharaniye bimwe Atari uko ibizombako navyo nzobibona.»
Mu gihe yishura ku kibazo c’umumenyeshamakuru c’ico agiye gukora mu gihe yatswe umugambwe wiwe CNL,nimba azo azokwitabira amatora nk’uwigenga canke akifatanya n’iyindi migambwe canke akishikana mu mugambwe Cndd-Fd.
Agathon Rwasa yagize ati:«sindota nishikana mu mugambwe Cndd-Fdd kuko jewe ntakwirikira amaronka mparanira ko ukuri na democrasi,ko haba ubwigenge kubarundi bose.kandi uko amatora ya 2025 azoba atuganijwe kwose ntegerezwa kuzoyitabira.»
Agathon Rwasa niwe yahora arongoye umugambwe CNL imbere yuko Nestor Girukwishaka ashikirijwe uburongozi bw’umugambwe Cnl n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse bidakurikije amategeko.
Rwandatribune.com