Mu gisagara ca Bujumbura,muma Quartier amwamwe hamaze iminsi hibonekeza Ubugizi bwa nabi, bw’abantu bitwaje imipanga.
Mugihe hamaze igihe havugwa ko mu gihugu c’Uburundi hatanzwe imipanga kumisoresore y’imbonerakure,bamwe bakabihakana,hakomeje kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere bujanye nimipanga mu bice bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura.
Ubwo bugizi bwa nabi ahanini bw’ibasiye quartier mutanga sud na nyakabiga,n’abantu bitwaje imipanga.
Ubuhoho mw’ijoro ryo kumunsi wakane igenekerezo rya 02/05/2024 ,hafashwe umusore w’imbonerakure muri quartier nyakabiga yakabiri, afise umupanga mushasha, mukabari bita kumubano,, uwo musore akaba azwi cane kukazina ka mavuvu..
Uyo mavuvu musore w’imbonerakure akaba yarimereye kwafise n’abandi bakorana murubwo bugizi bwa nabi bw’isasiye indava mugisagara ca Bujumbura,,nkuwitwa Bukuru,eka akanemeza ko hari ninzego zimwe zimwe z’umutekano bakorana be n’indongozi.
Abanyagihugu bakaba basaba ko abo bafashwe bogirwako amatohoza kugira n’abandi babisha bafatwe..
Mwomenya ko hamaze kwicwa abantu bashika kuri cumi nabandi benshi bakomerekejwe nizo nkozi zikibi,,,nayo ivyibwee vyovyo nabo bagizi ba nabi bitagira igitigiri..
Abarundi barasaba leta y’uburundi ko yogira akigoro igakura iyo mipanga muriyo misoresore y’imbonerakure mugihugu ibara ritaragwa gusumba
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com