Ikibazo c’ubukene bw’igitoro carataye kuwamazi reta ya Gitega.
Haraheze indwi irenga hibonekeza ubukene bw’igitoro muburundi na cane cane mubisagara vy’ubutunzi na politike arivyo Bujumbura na Gitega.
Mugisagara c’ubutunzi Bujumbura kumastations atari make hakaba hamaze iminsi hibonekeza imirongo miremire y’abatondera igitoro yaba ico mubwoko bwa Essence canke bwa Mazout: ” Turara kuma stations dutondeye igitoro. Ntituhava kuko ukubise urugohe usanga wasubiye iyuma cane kumurongo”.
Eka no kumurwa mukurur wa Politike Gitega nikwo kwuko : “imiduga tuyiraza ngaha kandi bikadutwara amafranga kuko duca duhemba abazirarira.’’
Ishirahamwe rya Reta REGIDESO n’irindi ryigenga ryitwa PRESTIGE akaba ariyo arangura igitoro mumahanga. Abakoresha Igitoro bakaba bata umwikomo kuri reta bavuga ko vyayitaye kuwamazi gutorera umuti ikibazo kijanye n’ubukene bw’igitoro.