Hari umukenyezi yitwa Nahimana Thérèse yagandaguwe bunyamaswa mw’ijoro ryo kumunsi wakabiri igenekerezo rya 09/04/2024 igihe c’isaha zitatu zijoro (21h).
Uwo muhise yaba kumutumba rugano wa Komine Murwi Intara ya Cibitoke, akaba yari umupfakazi.
Abo bicanyi bamwishe bamusanze ku rugo iwe, aho yarasanzwe aba ku mutumba Rugano,.
Abo bagizi ba nabi, babanje kubomora inzu yiwe bamena amadirisha imiryango, bamusanga aho yari yiryamiye baramugandagura.
Abo bicanyi bamwishe bamukereye izosi, bakoresheje imipanga bari bitwaje,mugukora iryo bara, uwo mupfasoni ahita acikana..
Uwo mukenyezi Nahimana Thérèse, baravuga ko yari umuntu yibaniye neza nabandi eka yikundira imirimo yiwe ya minsi yuburimyi, Bati: Ntidutahura ikintu coba catumye yicwa ugwagashinyaguro.
Gushika iyi saha twandika iyi nkuru, abo bagizi ba nabi, bakaba bataramenyekana, ahubwo bivugwa ko bahejeje gukora iryo shano, baciye batungwa nayo bameze.
Ikibabaje ababanyi buwo muhisi, n’uko n’indongozi za komine Murwi, gushika uwu munsi,atakigoro nakamwe baragira,ngo hakorwe amatohoza kurubwo bw’icanyi ndengakamere….
Abanyagihugu bakaba basaba bashimitse ko hokorwa amatohoza yimbitse kugira abo bagizi ba nabi bamenyekane,bongore bahanwe bimwe vyakarore..
Mwomenya ko igihugu c’Uburundi cabaye ikirimbiro ryubwicanyi ndengakamere kuko atamunsi ukirenga hadatowe abantu bagandaguwe bunyamaswa.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com