Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD urwanya ubutegetsi bwa CNDD-FDD aremeza ko afise amakuru yerekeye itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Evariste NDAYISHIMIYE ririko rirategurwa.
Mu butumwa yaraye acishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’umugambwe MSD utavuga rumwe na reta ya CNDD-FDD, yaraye amenyesheje kuri uyu wa gatandandatu ko afise amakuru ajanye n’umugambi uriko urategurwa wo gutembagaza Prezida Evariste Ndayishimiye kubutegetsi, agasubirizwa n’uwundi mu Jenerari ari mu basanzwe bamwegereye bo mu mugambwe CNDD-FDD.
Alexis Sinduhije avuga ko afadikanije n’abo basangiye urugamba bazorwanya bivuye inyuma intwaro yose izozanana muri iryo tembagazwa rya Prezida Evariste Ndayishimiye.
Alexis Sinduhije yibutsa ko ubutegetsi bwa Ndayishimiye busanzwe ari ubw’abasirikare, aca yongerako ati:
“Ntidukeneye kubona umu jenerari asubirira uwundi mu jenerari. Ntidukeneye ibisikanya vy’abasirikare batwaza igikenye kugira intwaro y’agahotoro ibandanye gushinga imizi.”
Ubutumwa bwa Alexis Sinduhije, umwe mu barundi bazwi ko baronka amakuru y’ibanga, aje gushimangira ibihuha bisanzwe biriko birakwiragira mu gihugu bijanye n’ihirikwa ry’Ubutegetsi bwa Prezida Evariste Ndayishimiye ririko rirategurwa n’akarwi k’aba jenerali boba barongowe na Prime NIYONGABO arongoye ibiro bikuru vya gisirikare.
Uyo nawe , prezida Ndayishimiye akaba yoba aherutse gushaka kumukura muri ayo mabanga yo kurongora ibiro bikuru vya gisirikare, ariko umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca akamubera ifuro ry’igiti mugushira mungiro iyo ngingo.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com