Uyo mugabo yakorewe ayo mabi yoba amerewe gute muri kino gihe?
Uwo mugabo wo mu ntara ya Kayanza, yahotowe igitsina, afise imyaka 39 akaba avyaranye abana 4 n’umukenyezi wiwe bubakanye biciye mu mategeko. Uwo mugabo arwariye mu bitaro bikuru vyo mu Kayanza kuva kw’igenekerezo rya 6 Mukakaro 2023.
Uwo mugabo aho agaramye mu bitaro arimwo amaserumu ku maboko yose, amaraso aguma ava mu gitsina, avuga ko kuri uyu wa 06/07/2023 umukenyezi wiwe yatashe bwije haca haduka imishwano. Niho umugore yacakira igitsina c’umugabo wiwe arahotora. Uwo mugabo akaba yahavuye ajanwa kwa muganga yataye ubwenge.
- Kwamamaza -
Uwo mukenyezi nawe akaba yafashe inzira ija iwabo bikaba vyaragoranye kumutora. Ariko ngo n’uyo mukenyezi yoba yarakomeretse.
Iyi nkuru tuyikesha ikinyamakuru JIMBERE.
Nkurunziza Freddy