BURUNDI : Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD yasubiriye guhamagarira abantu mubwicanyi
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri kubutegetsi Révérien Ndikuriyo ahimiriza abanywanyi buwo mugambwe kwica abo yita imfyisi muntama. Abanyagihugu bo muri Komine Kabarore intara ya Kayanza aho yavugiye ayo majambo baguye mugahundwe.
Imbonerakure zihurikiye mumuhari w’urwaruka w’umugambwe CNDD-FDD muri komine Kabarorere intara ya Kayanza, mugicugu co kumusi wa kane kuva igihe c’isaha umunani z’ijoro bari batanguye kuvuza amafirimbi.
Kwari ukugirango biyegeranye bitegurira kwitaba inama igirishwa n’umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo kuruyo musi wa kane nyene.
Abanyagihugu bo muri zone Rugazi ya komine Kabarore, bakavugako batewe amakenga bongera barazazanirwa n’amajambo yashikirijwe n’uwo arongoye umugambwe uri kubutegetsi.Eka n’abamwe mubanywanyi bumugambwe CNDD-FDD baraneguye amategeko yatanzwe na Reveriyano Ndikuriye.
” Twatangajwe n’ijambo yashikirije rihamagarira mubwicanyi. Yaduhumagariye kuzimanganya imfyisi tugasigaza intama. Muyandi majambo yadutegetse kwica abo bose batavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD”. Uyo n’umwe mubanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD abivuga.
“Umunyamabanga mukuru w’umugambwe wacu yise imfyisi abo bose banse kwinjira mumugambwe uri kubutegetsi. Intama nazo ni abayoboke buwo mugambwe”. Uyo ni uyundi munywanyi wa CNDD-FDD abishimagira.
Kubwa Reveriyano Ndikuriyo, umurundi wese abwirizwa kuba ari mumugambwe CNDD-FDD.
Reveriyano ati, “ntamahitamwo yemewe, abatemeye kuja muri CNDD-FDD, baba berkanye neza ko bataye umurongo”.
Uguhamagarira abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mubwicanyi, Reveriyano Ndikuriyo akaba yabigize ubuhizi. Kuva mumwaka w’2015, inyuma yaho hahatwe kuba ihirikwa ry’ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza, Reveriyano Ndikuriyo ntiyahengeshanije guhimiriza aba CNDD-FDD kugandagura abo bose batari muri uyo mugambwe canke batavuga rumwe na reta ya CNDD-FDD.
Reveriyano Ndikuriyo akaba ari nawe yabwiye urwaruka rwo mumugambwe uri kubutegetsi ko amashure menshi ataco amaze muburundi.
Aha ntitugarutse kumafaranga yagiye aremera gutanga kurabo bazoba bishe abanyagihugu bamwe bamwe nk’uwitwa Pascal Ninganza batazira Kaburimbo.
Freddy nkurunziza
Rwandatribune.com