Imirimo y’abanyagihugu yahungubanye mugisagara ca Bujumbura kubera kuja gusanganira umupfasoni w’umukururu w’igihugu.Uwuhigimanze na gatoya arakubitwa agashaya.
Mugatondo ko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15/7/2023 abanyagihugu bo mugisagara ca Bujumbura bakubitrwa kuja gutera amashurwe no gukomera amashi Angelina NDAYISHIMIYE umupfasoni w’umukuru w’igihugu.
Nkuko amakuru dukura mugisagara ca Bujumbura abivuga, nta muntu n’umwe yari yemerewe gukora ikintu na kimwe. Amasoko yose yari yugawe, ama boutiques uko nyene. Nta muntu yari yemerewe kwicara kw’ibarabara. Hibonekeza abapolisi bariko barabategeka kuja gutegera umupfasoni w’umukuru w’igihugu. Imirimo yose ikaba yaciye ihagarara.
Imbonerakure nazo z’umugambwe CNDD-FDD ntizari zatanzwe zifise inkoni zikubita zongera zicisha kubuhomba uwo wese ashatse kugagaza. Umupfasoni wa prezida Evariste NDAYISHIMIYE akaba yaratahutse avuye i New-York muri Amerika aho ari mu baronkejwe agashimwe “UN Population Award” k’uno mwaka.
Umwe mubanyagisagara ca Bujumbura yagize ati:”Twebwe tubona ko bariko baraduhohotera. Ni vyiza ko umupfasoni w’umukuru w’igihugu aronka udushimwe, ariko ntibisigura ko duca duhagarika ubuzi ngo tugiye kumutwengera no kumukomera amashi. Ntibisigura ko dutegerezwa kwerekana ko tunezerewe ku nguvu. Bari kureka abavyipfuza bakagenda, abakeneye kwikorera nabo bagakora.”
Abanyagihugu bo kumurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura bakaba bemerewe gusubira kumirimo inyuma y’umutaga ibirori vyo gusanganira Angelina NDAYISHIMIYE birangiye.
Freddy Nkurunziza
Rwandatribune.com