Mw’itangazo yasohoye kuri uno wa kabiri inyuma y’umutaga, Léonard MANIRAKIZA umushikirizamanza mukuru yamenyesheje ko Dieudonné Murengerantwari,yagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, ibiturire, kuronka umutungo udasiguritse no kunyuruza ubutunzi bw’igihugu.
Ivyaha Dieudonné Murengerantwari yahoze arongoye ibanki nkuru y’Uburundi BRB yagirizwa, abisangiye n’umugwizatunga Sylvestre Niyonsaba, arongoye ishirahamwe rifise imitahe mu kigo kijejwe ibikogwa vy’ikivuko ca Bujumbura “Global port services”.
Sylvestre Niyonsaba uvugwa muri uru rubanza
Umurwizatunga Sylvestre Niyonsaba akaba azwi ko yari yegereye cane umuryango w’umuhisi Prezida Pierre NKURUNZIZA akirongoye Uburundi.
Uretse kuba ayoboye ishirahamwe “Global port services” afisemwo n’imitahe, uyo murwizatunga Sylvestre Niyonsaba asanzwe anafise ishirahamwe ricukura ubutare muntara z’uburaruko bushira ubuseruko bw’Uburundi.
Ayandi makuru ndetse akemeza ko Sylvestre Niyonsaba asanzwe ari muramu wa Dieudonné Murengerantwari yahora ayoboye ibanki nkuru BRB.
Muvyaha abo bagabo babiri bagirizwa, hakaba harimwo n’ivyagirizwa Alain-Guillaume BUNYONI yahoze ari umushikiranganji wa mbere, ubu afungiwe mw’ibohero rya Gitega.
Mw’itangazo ryiwe, Léonard Manirakiza umushikirizamanza kizigenza amenyesha ko agateka ka Dieudonné Murengerantwari na Sylvestre Niyonsaba kubahirijwe, ariko akaba adatomora aho bafungiwe.
Freddy NKURUNZIZA