Général de Brigade Brice Clotaire Oligui Nguema, umukuru w’igihugu w’imfatakibanza w’igihugu ca Gabon, yaragize urugendo rw’amasaha make mu Burundi aho yabonanye na perezida Evariste Ndayishimiye.
Brice Clotaire Oligui Nguema yatembagaje Ali Bongo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa 8 uyu mwaka wa 2023, kuri uno wa gatanu yarakubitiye i bujumbura umurwa mukuru w’Ubutunzi.
Muri rusangi, Uburundi na Gabon nta migenderanire ikomeye vyari bifitaniye.
Eka, nta n’ababanyagihugu bo mu gihugu ca Gabon bagaragaye kumwakira ku kibuga c’indege ca Bujumbura mugihe n’abasanzwe bahaba ari imparurwa. Abari bahari vyaboneka ko basa n’abaje bamuherekeje.
Ariko kimwe ivyo bihugu bibiri bihuriyeko nuko biri mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo hagati, communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale (CEEAC).
Uwo mukuru w’intwaro ya gisirikare muri Gabon ku kibuga c’indege ca Bujumbura agishika yakiriwe yongera ahabwa icubahiro nk’abandi bakuru b’ibihugu.
Oligui Nguema yasanganiwe n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Albert Shingiro ari kumwe n’umushikirikranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Martin Niteretse, imbere y’uko ajanwa ku biro vy’umukuru w’igihugu ari naho Perezida Evariste Ndayishimiye yamuhereye umubonano.
General Nguema yavuze ko yari yaje gusaba perezida w’Uburundi kumushigikira mu ntwaro mfatakibanza yashizemwo igihugu ciwe kuko Uburundi na Gabon bihurira muri CEEAC, Uburundi bukaba kandi mu nama ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika(Union Africaine)
Mw’ijambo rigufi yashikirije abamenyeshamakuru imbere yo kwurira indege ava mu Burundi, General Nguema yavuze ko atashe ashimishijwe n’urugendo ‘rwashitse ku vyo yari yifuza
Ariko rero, reta ya Gitega ntaco yashikirije kuvyo prezida Evariste NDAYISHIMIYE yavuganye n’uwo yamusavye kumushigikira, n’ivyo yomushigikiramwo.
Ni mu gihe uwo yatembagaje ubutegetsi muri Gabon agendeye Uburundi mu minsi iheze, naho nyene haravuzwe ibuhuha vy’abashaka gutembagaza ubutegetsi.
Uburundi kikaba ari kimwe mu bihugu vyavuzwemwo ihirikwa ry’ubutegetsi incuro nyishi muri Afrika, kuburyo muri kahise haharurwa izashobotse n’izaburijwemwo zigera kuri 11.
Iriheruka ubwanyuma rikaburizwamwo n’iryo mu 2015 aho hahakwa gutembagazwa ubutegetsi bw’umuhisi perezida Pierre Nkurunziza.
Nubwo biruko, General Nguema yavuze ariko ko Perezida Ndayishimiye yamwijeje kumushigikira muri kiringo c’imfatakibanza.
Uwo mutegetsi mushasha wa Gabon akaba amaze imisi agendera ibihugu vyo mukarere.
Mu ntango z’iyi ndwi, yagendeye Urwanda. Imbere y’aho akaba yari yagendeye Repuburika ya Demokarsi ya Congo.
Freddy NKURUNZIZA