Mu Burundi, abanywanyi batatu b’umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa bo muri commune Gisuru hamwe numuvyeyi wumwe murabo bafashwe,bose barafungiwe mugasho kintara ya Ruyigi.
Bose babagiriza gukorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara.
Abo bafunzwe akaba ari :
-Ndayisenga cleophace,icegera c’uwurongoye umugambwe CNL muri commune Gisuru.
-Nyabenda François arongoye urwaruka rwa CNL kumutumba kabuyenge commune Gisuru
-Sirahenda Benjamin umunywanyi w’umugambwe CNL kumutumba kabuyenge commune Gisuru.
Abo banywanyi ba CNL bafashwe n’imbonerakure hamwe n’aba polisi babagiriza gukorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara. Ariko isoko ry’amakuru ya Rwanda Tribune TV iri muri Gisuru yizewe, atumenyesha ko ari urukurikirane rwo gufata agasakisaki abatavuga rumwe na leta y’uburundi canke uwo wese atari muri Cndd FDD.
Bakibafata, umuvyeyi wa Sirahenda Benjamin,ariwe Nyabenda Jean, imbonerakure zaciye zimuhamagara,zimubwira azane miliyoni y’amarundi (1.000.000fb) ngo bace barekura umwana wiwe.
Uwo muvyeyi ababwira kwafise 200.000fb,arayabashira,ashitse aho bafungiwe,nawe baciye bamufata,bamwagiriza ko yaraje gutanga igiturire.Baciye bamukorera dossier yihuta,nawe bamwinjiza agasho gakuru k’intara ya Ruyigi.
Imiryango yabo bafunzwe,basaba ababo ko borekurwa,narirya atanico bagirizwa. Bongera banasaba ko bobareka bakaja kwivuza kuko imbere yo kubinjiza ibohore,bagiriwe ihohoterwa.
Amakuru dukesha imbonerakure zegereye ubutegetsi, zitumenyesha ko ubu hagiye kuba uruhigi rukomeye rwabantu bose batari muri cnddfdd muntara ya Ruyigi canke Batemera ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye no mugihugu cose c’Uburundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com