Jenerali Godefroid Bizimana batazira Verema yaraye apfuye kumunsi wakabiri igenekerezo rya 12/03/2024.
Uwo mu Jenerali yavutse 1968 ku mutumba wa nyagaseke muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.
Akaba yari umu Jenerali yarakomeye mu butegetsi bw’umuhisi petero Nkurunziza be nubwa Evariste Ndayishimiye, akaba yaranajejwe amabanga atandukanye y’igihugu akomeye.
Ikindi tumuziko n’uko mu mwaka wa 2015 aho abarundi benshi biyamiriza ikiringo kitari cemewe n’amategeko cagatatu ca Nkurunziza eka nurukiko kwakarera ka EAC ruheruka kubishimangira ko kitari cemewe n’amategeko.
Uwo muhisi Jenerali Godefroid Bizimana yaragize uruhara rukomeye mukuboreza igufa,gutoteza no kwica abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo.
Ico gihe ca 2015 yateguye umugwi wigi polisi wizewe atakindi ujejwe atari gufata, gutoteza uwo wese adashigikiye ikiringo ca gatatu c’umuhisi petero Nkurunziza,
Abo bafashe ico gihe benshi barishwe ,baratotezwa abandi baburirwa irengero.
Ivyo bikaba ari navyo vyamuviriyemwo gufatirwa ibihano naza n’ibihugu vya bulayi (UE) mukwezi kwa cumi 2015 hamwe na America mukwezi kwa cumi narimwe muri 2015,,bifatiye kumabi menshi yaramaze gukorera abarundi.
Ariko umuzo wa président Evariste Ndayishimiye kubutegetsi watumye ivyo bihano yafatiwe abikurwaho.
Urwo rupfu rwiwe rusize urujijo rwinshi mubo bakoranye, abagenzi, n’umuryango wiwe kuko yaramaze igihe kinini agwaye, barabuze ico agwaye eka benshi bavuga ko yoba yarahawe uburozi (poisons) na bagenzi be, kuko hari hamaze iminsi atakivugwa ahantu nahamwe.
Mukaba muzi ko mubutegetsi bo mu Burundi ibintu bijanye n’uburozi basa nababigize umwuga, na cane cane mukwica uwo wese baba batagikeneye mukagwi kabo.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com